Hilary Clinton mu buseruko bwa Congo

Transcription

Hilary Clinton mu buseruko bwa Congo
Hilary Clinton mu buseruko bwa Congo.
BBC Gahuzamiryango
Florentine Kwizera
Mu kiganiro yatanze amaze kubonana n'umukuru w'
igihugu Joseph Kabila, Hilary Clinton yashimye ingendo
ya Congo yo kwiyegereza Urwanda.
Hilary Clinton avuga kw' iyo ari imwe mu nzira zo kugarura
Hilary Clinton
umutekano mu buseruko bwa Congo.
Aho mu Buseruko bwa Congo yagendeye ikigo " Heal Africa" kijejwe kwakira
abasinzikarijwe ubuzima mu gufatwa ku nguvu.
Yashimiye abaganga bahakorera ku gikorwa cabo,
anashimangira ko Amarika igiye gukora uko ishoboye ngo
ayo mabi akorerwa abanyagihugu ahere.
Uwo mushikiranganji w' imigenderanire wa Amerika
aravuga kandi kw' igihugu ciwe citeguye gufasha mu
kuronsa inyigisho abasirikare ba Congo.
Abasirikare ba Congo baradomwe urutoke mur' ivyo bikorwa impunzi iGoma
vy' ubugizi bwa nabi, harimwo gufata abagore ku nguvu.
Abahagarariye ishirahamwe mpuzamakungu muri Congo batanga ibitigiri vy' abamaze
gufatwa ku nguvu bagera ku 200 000 kuva mu 1996.
Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu avuga ko mur' ivyo bitigiri, abagera ku
bihumbi 7 703 bafashwe ku nguvu n' abasirikare ba leta.
Hilary Clinton yemeza ko Amerika izokwifatanya n' ishirahamwe mpuzamakungu mu
gufasha ngw' ico caha co gufata abagore ku nguvu coye gukoreshwa nk' ikirwanisho mur' iyo
ntambara ya Congo.

Documents pareils