Hilary Clinton mu buseruko bwa Congo
Transcription
Hilary Clinton mu buseruko bwa Congo
Hilary Clinton mu buseruko bwa Congo. BBC Gahuzamiryango Florentine Kwizera Mu kiganiro yatanze amaze kubonana n'umukuru w' igihugu Joseph Kabila, Hilary Clinton yashimye ingendo ya Congo yo kwiyegereza Urwanda. Hilary Clinton avuga kw' iyo ari imwe mu nzira zo kugarura Hilary Clinton umutekano mu buseruko bwa Congo. Aho mu Buseruko bwa Congo yagendeye ikigo " Heal Africa" kijejwe kwakira abasinzikarijwe ubuzima mu gufatwa ku nguvu. Yashimiye abaganga bahakorera ku gikorwa cabo, anashimangira ko Amarika igiye gukora uko ishoboye ngo ayo mabi akorerwa abanyagihugu ahere. Uwo mushikiranganji w' imigenderanire wa Amerika aravuga kandi kw' igihugu ciwe citeguye gufasha mu kuronsa inyigisho abasirikare ba Congo. Abasirikare ba Congo baradomwe urutoke mur' ivyo bikorwa impunzi iGoma vy' ubugizi bwa nabi, harimwo gufata abagore ku nguvu. Abahagarariye ishirahamwe mpuzamakungu muri Congo batanga ibitigiri vy' abamaze gufatwa ku nguvu bagera ku 200 000 kuva mu 1996. Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu avuga ko mur' ivyo bitigiri, abagera ku bihumbi 7 703 bafashwe ku nguvu n' abasirikare ba leta. Hilary Clinton yemeza ko Amerika izokwifatanya n' ishirahamwe mpuzamakungu mu gufasha ngw' ico caha co gufata abagore ku nguvu coye gukoreshwa nk' ikirwanisho mur' iyo ntambara ya Congo.