BBC Gahuzamiryango yahagaritswe mu Rwanda
Transcription
BBC Gahuzamiryango yahagaritswe mu Rwanda
BBC Gahuzamiryango yahagaritswe mu Rwanda BBC Gahuzamiryango RURA ivuga ko abanyagihugu bayitwayeko kubera ikiganiro "Rwanda's Untold Story". Ico kiganiro caciye kuri imwe muri televisiyo za BBC mu Bwongereza, mu ntango z'uku kwezi. Cari cerekeye uruhara rwa Prezida w'Urwanda, Paul Kagame, mu mahano yashikiye ico gihugu harimwo jenoside yo mu Rwanda mu 1994. Ariko RURA ivuga ko yaronse ibirego biturutse mu banyagihugu, binegura ico kiganiro ko gikongeza urwanko, gipfovya ihonyabwoko ndetse kikanarihakana. Muri urwo rwandiko, RURA ivuga ko yahagaritse BBC Gahuzamiryango, mu gihe igikora iperereza kuri ivyo birego Hagati aho, urwego rugenzura itangazamakuru mu Rwanda, HMC, ruvuga ko bidakwiye guhagarika BBC gutangariza mu Rwanda. Ivyo ngo bishobora kuba intango yuko buri gitangazamakuru gikoze ibigaragara nko kurenga umurongo gica gihagarikwa, ngo kandi hari izindi ntambwe zishobora gufatwa. Uno munsi kandi imyiyerekano yo kwiyamiriza BBC kubera ico kiganiro, Rwanda's Untold Story, yabandanije. Inyuma y'inzego zihurikiyemwo abanyeshure zagize imyiyerekano kuwa gatatu, uno munsi naho iyo myiyerekano yatunganijwe n'urunani rw'amashirahamwe y'abagore.