BBC Gahuzamiryango yahagaritswe mu Rwanda

Transcription

BBC Gahuzamiryango yahagaritswe mu Rwanda
BBC Gahuzamiryango yahagaritswe mu Rwanda
BBC Gahuzamiryango
RURA ivuga ko abanyagihugu bayitwayeko kubera ikiganiro "Rwanda's Untold Story".
Ico kiganiro caciye kuri imwe muri televisiyo za BBC mu Bwongereza, mu ntango z'uku
kwezi.
Cari cerekeye uruhara rwa Prezida w'Urwanda, Paul Kagame, mu mahano yashikiye ico
gihugu harimwo jenoside yo mu Rwanda mu 1994.
Ariko RURA ivuga ko yaronse ibirego biturutse mu banyagihugu, binegura ico kiganiro ko
gikongeza urwanko, gipfovya ihonyabwoko ndetse kikanarihakana.
Muri urwo rwandiko, RURA ivuga ko yahagaritse BBC Gahuzamiryango, mu gihe igikora
iperereza kuri ivyo birego
Hagati aho, urwego rugenzura itangazamakuru mu Rwanda, HMC, ruvuga ko bidakwiye
guhagarika BBC gutangariza mu Rwanda.
Ivyo ngo bishobora kuba intango yuko buri gitangazamakuru gikoze ibigaragara nko kurenga
umurongo gica gihagarikwa, ngo kandi hari izindi ntambwe zishobora gufatwa.
Uno munsi kandi imyiyerekano yo kwiyamiriza BBC kubera ico kiganiro, Rwanda's Untold
Story, yabandanije.
Inyuma y'inzego zihurikiyemwo abanyeshure zagize imyiyerekano kuwa gatatu, uno munsi
naho iyo myiyerekano yatunganijwe n'urunani rw'amashirahamwe y'abagore.

Documents pareils