republique du burundi

Transcription

republique du burundi
REPUBLIQUE DU BURUNDI
REPUBLIKA Y’UBURUNDI
FORCES POUR LA RESTAURATION
DE LA DEMOCRATIE
INTWARI Z’IHAGARARIYE
DEMOKARASI
FRD-ABANYAGIHUGU
FRD-ABANYAGIHUGU
FRD-ABANYAGIHUGU
E –mail : [email protected]
Site : www.burundi-itsitso.info
MEM/FRD/001/2011 : IVYIYUMVIRO BIKURU « MEMORANDUM » BISHIZWE
AHABONA N’UMUHARI “FRD-ABANYAGIHUGU” KUWA 22
MUNYONYO 2011, KUBIJANYE N’I NGENE IBINTU VYIFASHE MU GIHUGU
INTANGAMARARA
Inyifato y’indongozi z’Uburundi yo guhonyanga Demokarasi muri kino gihe
igatuma haba ubwicanyi butagira izina hamwe no kutibanga ukubaho
kw’abanyagihugu mu gusasira indava ubusuma, ibiturire no gusesagura
amatungo ya Reta, nivyo vyatumye abarundi bihebura. Ivyo vyatewe n’iki?
Abo bategetsi kugira babashe kwuzuza imifuko yabo atawuryogora, bashimye
gufuta Demokarasi kugira igihugu kiganzwe n’umugambwe umwe rudende
woborohereza kwiba ukongera ukabakingira.
Nico gituma mu myiteguro y’amatora yo mu 2010, ubutegetsi bw’umugambwe
CNDD-FDD Petero NKURUNZIZA aturukamwo bwahisemwo gukomeza
umurego mu gutwaza umukazo, mu kugira iterabwoba, rivanze n’ubwicanyi
ku buryo higaragaje icuka kibi mu gihugu imbere y’uko ayo matora
ategurwa. Imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi yaraturubitswe, ibiri (2) mu
yikomeye icibwamwo amashami (SAHWANYA-FRODEBU na FNL) mu
ntumbero yo kuyisambura canke kugira ije mu matora igoya goya. S’ivyo
gusa, iyo migambwe co kimwe n’iyindi itavuga rumwe n’ubutegetsi
yaraburabujwe, irabuzwa kugira amanama wanashaka amabendera yayo
akibwa bitewe n’imigambi yapfundikwa n’abari ku butegetsi. Mu banywanyi
b’imwe muri iyo
1 / 21
migambwe, hari abishwe abandi barapfungwa. Hari abashingamateka
bagiriwe ibitero vy’amabombe atezwa iminwe (Grenades) kugira ntibaryogore,
hongera hafatwa n’ingingo yo gusubirizwa abashika mirongo ibiri na
babiri (22) hahonyanzwe ibwirizwa nshingiro. Abo bazize ko batari
bakivuga rumwe n’abatwara kuko ico bahowe cari gutuma hirukanwa
benshi kurusha. Ivyo bikaba vyaratumye bamwe mu bagenzi babo baba
ba n’iryo mu kwemera ishingwa ry’itegeko rigenga amatora bizwi neza ko
ritubahiriza, ryaba ibwirizwa nshingiro, yaba n’amasezerano y’i Arusha
rikomokako.
Ivyiyumviro vy’abari ku butegetsi vyari ivyo guhindura Inama nshingamateka,
inama nkenguzamateka n’inama z’amakomine ibikoresho vy’umugambwe
wabo. Ivyo vyatumye ya nyabutatu y’ubutegetsi ariyo Reta-Ubutungane-Urwego
nshingamategeko rugizwe n’inama nshingamateka na nkenguzamateka
isenyuka. Twibutse ko urwego rw’ubutungane arirwo rwatanguye gutembagara
bitewe no gukoreshwa muma rementanya, mu guca imanza za ngondagonde mu
ntumbero yo gutuza abatavuga rumwe n’ubutegetsi canke abatavuga
ibiburyohera.
Muri ico kiringo nyene c’imbere y’amatora, ivyo biharuro vy’umugambwe uri
ku butegetsi nivyo vyatumye nka Alexis SINDUHIJE yaraherutse
gushinga umugambwe MSD, Jean Claude KAVUMBAGU umukuru
w’ikinyamakuru Net press, RUDUDURA Juvenal icegera c’umukuru wa
sendika y’abakozi batari abacamanza bo mu bushikiranganji bw’ubutungane
batabwa muri yompi. Uko vyagiye biragenda kugira barekurwe, baba
abarundi canke abanyamahanga bakaba bagiye barabikurikirana. Uretse
ico cuka kibi ubutegetsi bwateye mw’itegurwa ry’amatora, mu bihe
vy’amatora ntacahindutse kuko abatavuga rumwe n’ubutegetsi bagumye
baturubikwa hakaba abishwe n’abapfunzwe.
Muri ico gihe nyene, umurwi CENI(Commission ElectoraleNationale
Independante) war’ujejwe amatora warerekanye ukutigenga kwawo haba
mw’itangwa ry’ibikoresho vy’amatora, haba mubijanye no kubicungera. Mu
matora, abarundi benshi bariboneye amanyanga atari makekuva
kw’ihagarikirwa ryayo gushika kw’iharurwa ry’amajwi. Amasandugu yarimwo
amajwi adaharuwe yagiye aratorwa hirya no hino, ivyo bikaba bishimangira
ivyo Petero NKURUNZIZA akunze kwivugira ko atari amajwi
y’abanyagihugu yamuhaye ubutegetsi sinayo ngo ashobora gutuma atsinda
canke atsindwa.
2 / 21
Abasemereye mu kubishira ahabona, bamwe baratawe mu mvuto. Naho abatari
bake mubaserukira ibihugu bimwe bimwe n’amashirahamwe mpuzamakungu
amwe amwe bagerageje kwerekana ko amatora y’amakomine yagenze neza,
bongera basaba ko utunenge twibonekeje twotosorwa mu matora yokurikiye,
abarundi bava mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi barayiyamirije
bongera biyemeza kutaja mu matora y’umukuru w’igihugu,
y’abashingamateka n’abakenguzamateka hamwe n’ayo ku mitumba. Niho
n’imigambwe yabo yaca itegeka abari kwitoza mu kibanza c’umukuru
w’igihugu gusokora. Ivyo vyatumye amatora yose yarasigaye ahinduka
urubanza rw’umugambwe CNDD- FDD gusa Petero NKURUNZIZA
aturukamwo, ukaba wayaherekejwemwo na basomambike bawo. Abasokoye
bose, ubutegetsi bwabagize abansi babwo. Petero NKURUNZIZA yaraharaniye
wenyene ubutegetsi atawe bahiganwa, araheza arabwishikiriza.
Atanguye ikiringo kigira kabiri c’imyaka itanu, yaciye atangura kuresha
imigambwe yose ngw’ije kugira urunani n’umugambwe wiwe CNDD-FDD.
Imigambwe igoyagoya iremera, iyihagazeko icika iy’abansi; muri yo,
abayirongoye baraturubikwa kugeza aho bomoka. Abashoboye kurinda bakama
bacurangujwe n’inzego z’umutekano n’izo ubutungane mu gusakwa, gufatwa
no kurengutswa ivy’agasakisaki. Uko kwangazwa no guturubikwa
kw’abanyepolitike kwaherekejwe n’iturubikwa ry’abamenyesha makuru hamwe
n’abari mu mashirahamwe yigenga batariye umunwa mu kudoma urutoke ku
mabi akorerwa abanyagihugu n’igihugu. Ayo mabi akaba ajanye n’ubusuma,
ibiturire, ugusesagura amatungo ya Reta n’ubwicanyi.
Kubijanye n’ubusuma, haravuzwe udushirahamwe twashinzwe n’indongozi
zimwe zimwe zo mu nzego z’umutekano niza politike, usanga twihagira
amasoko ya Reta dufashijwe n’abajejwe ivy’ubutunzi mu nzego zo hejuru,
tukarihwa amahera biciye mu manyanga menshi. Kuri ivyo bijanye
n’ubusuma nyene, haravuzwe idosiye ijanye n’amamiriyaridi ashika cumi
n’atanu (15.000.000.000Frs Bu) yanyikijwe yitirirwa igurwa ry’amakaye. Ayo
mahera azwi ko yari indishi y’umwenda igihugu ca Ouganda cari gifitiye
Uburundi. Kubijanye n’icukurwa ry’ubutare navyo, biturutse ku gatima
k’ubwo busuma, birigwa bikongera bigashirwa mu ngiro ari uko habanje
gushirwa imbere
3 / 21
inyungu z’ako karwi kazingamitse igihugu n’abarundi. Ntawodondagura ayo
madosiye yerekeye ubusuma ngo ayamare; ayandi atari make tuzoyagarukako
mu vyiyumviro bizogenda birashirwa ahabona, mu matangazo anyuranye, mu
biganiro umuhari “FRD-ABANYAGIHUGU” uzogenda urashikiriza muri bino
bihe vy’urugamba. Ikizwi kandi bose babona, n’uko ubwo busuma
bwazingamitse ubuzima bw’abarundi.
Iruhande y’umugambi wo gusambura imigambwe washizwe mu ngiro
n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, harakozwe n’ubwicanyi
bw’agahomerabunwa bwagizwe na bamwe bamwe bo mu nzego z’igipolisi
n’iperereza muvyo bise “SAFISHA”. Mubishwe, benshi baturukamu
mugambwe FNL, umwe muyigize urunani ADC-IKIBIRI urongowe na RWASA
Agathon. Igihe havugwa uyo mugambi, hari ubwicanyi bw’inzirakarengane
mirongo itatu n’icenda (39) bwabereye muri zone GATUMBA, komine
MUTIMBUZI iri mu ntara ya BUJUMBURA kw’igenekerezo rya 19 Nyakanga
2011. Ubwo bwicanyi bwakozwe na bamwe bamwe bo mu nzego z’igipolisi n’izi
iperereza baguye mumutego w’amarementanya yama arikoarakorwa
n’ubutegetsi bayoboka bwa CNDD-FDD. Ikibabaje n’uko Petero
NKURUNZIZA na Reta yiwe baciye baja gukindira ku mivyimba y’ababuze
biherekesheje n’abaserukira ibihugu vyabo ata kumaramara. Ku bwabo, bibaza
ko baronse inzira itomoye yo gutuza abatavuga rumwe nabo mu kubaremeka
inkono ishushe y’ivyo bo nyene bakoze. Ubwo bwicanyi busa n’ubwabereye i
MUYINGA aho intumwa za Petero NKURUNZIZA zo mu nzego z’umutekano,
ku bukozi bw’ikibi, zataye mu ruzi RUVUBU abantu benshi, hakaba
hamenyekanyemwo mirongo itatu na batatu (33).
Amanyanga yabaye muvy’ubutunzi yatumye ubukene mu banyagihugu buba
ndanse, abategetsi ku ruhande rwabo bakaguma ari ba sindabibazwa. Uretse
ubukene n’inzara bimaze gushira abarundi mu muhora w’amaganya n’urupfu,
ubwicanyi bwakozwe, n’ubu bugikorwa buza busongera isibe. Igitangaje n’uko
abarongoye Uburundi bivugra ko umutekano ari wose, bigasigura ko batari
kumwe n’abarundi mu maganya barimwo kandi ko uwobishinga ata muti wopfa
ubonetse. Abarundi benshi baramaze kubona ko abanyagihugu basigaye
bameze nk’impfuvyi; muribo hariho abagiye barafata ibigwanisho ngo
bigwaneko. Bahavuye bashinga umuhari bise “FRD-ABANYAGIHUGU”
kugira barwanye
4 / 21
abo bicanyi n’abasuma bavuzwe gushika babomoye. Na cane cane k’ubutegetsi
bwanse ibiganiro abakunda Uburundi bobuhanuriyemwo.
Uwo muhari “FRD-ABANYAGIHUGU” urimwo “INTWARI” mu barundi
n’”INGABO” mu “NTWARI” bagendera ivyiyumviro bishingiye ku majambo
akurikira:
1. Mbega umuhari FRD-ABANYAGIHUGU n’iki?
FRD-ABANYAGIHUGU s’umuhari w’abasuma canke uwo abasuma
bakoreramwo nk’uko biri mu butegetsi bw’umugambwe CNDD-FDD Petero
NKURUNZIZA aturukamwo. Kukaba nkako, iyo Reta irangwamwo uturwi turwi
tw’abasuma n’abicanyi, bamwe ugasanga binyegeje mu banyepolitike, abandi nabo
mu nzego z’umutekano, bose bagasenyera k’umugozi umwe bakingiwe ikibaba
n’ubutegetsi hamwe na bamwe bamwe mu bajejwe ubutungane. Iyo Reta nyene
y’umugambwe CNDD-FDD yarimaze iminsi ijuragiza abarundi n’amakungu,
igerageza kwerekana y’uko, abanyagihugu bafashe ibigwanisho babitumwe n’uko
bicwa ata gitabara, bagaturubikwa, bagapfungwa, bakakwa uburenganzira bwose
bahabwa n’ibwirizwa nshingiro kubijanye no gukora ivya politike, eka ndetse
bakamburwa n’agateka kabo kubijanye n’uburenganzira bwa kiremwa muntu, abo
nibo Reta ya Petero NKURUNZIZA yita abasuma n’abicanyi. Mu nsiguro
zitangwa n’abo bategetsi kur’ayo maraso aseseka, bivugira ata mpuhwe ngo: “No
muri Reta z’unze ubumwe za Amerika (USA), muri Afrika y’epfo (RSA) n’ahandi,
abantu barapfa. Kuri ivyo, abashikira Barack Obama atwara Reta z’unze ubumwe
za Amerika na Jacob Zuma atwara igihugu ca Afrika y’epfo, bobatubariza y’uko
inzego z’umutekano muri ivyo bihugu zica abanyagihugu zijejwe gukingira!
Abica n’abiba buzuye mu butegetsi bwa Petero NKURUNZIZA badasiba
kudomwako urutoke, usanga batekaniwe, banafise ijambo rinini mu gihugu.
Ababadomako urutoke nibo bama barara ntibuca, bagirirwa iterabwoba rya minsi
yose, baturubikwa, bahahazwa bongera bapfungwa, benshi bakaba barishwe. Iyo
Reta nyene iguma isasira yongera ibagabisha, ibagereranya n’abacanira umucanwa
mu nzu iwabo utegerezwa guherera iwabo nyene.
5 / 21
Mu Burundi ibintu vyarayangaye! Reta yotabaye abanyagihugu niyo ibadendura
mu gukingira ikibaba abicanyi n’abasuma. Mu kubishikako, usanga ibangamira
abo bose batera ivyatsi ubwo bubisha, baba abanyepolitike, baba abari mu
mashirahamwe atagira aho yegamiye muvya politike, baba n’abamenyesha
makuru, vyose ikabigira ibicishije kuri bamwe bamwe bakorera mu kwaha
kw’inzego z’umutekano n’ubutungane.
Ni kuri izo mvo habanje kuvuka “INGABO Z’ABANYAGIHUGU”. Abarundi
batari bake bari mu mirwi itandukanye kandi bashegeshwe n’ivyo ubutegetsi
bwikoza barazishigikira, barazunganira mu vyiyumviro, bahava baca inzira yo
gukora basenyera ku mugozi umwe kugira ngo barwanye ako karanda mu Burundi.
Niko gushinga umuhari FRD-ABANYAGIHUGU ugizwe n’INTWARI mu
BARUNDI, biyemeje ico gikorwa co guhagarika ubwo bubisha bafadikanije
n’INGABO mu NTWARI, izo nazo zikaba zigizwe na bakiremesha aribo
INGABO Z’ABANYAGIHUGU.
Uguhaguruka kugwanya ubwo bwicanyi n’ubusuma s’igikorwa coroshe. Na cane
cane iyo ari uguhangana n’ubutegetsi bwama bugerageza guhisha umwotsi inzu
iriko irasha no gutuza abo bose bubahutse kudomako urutoke ubwo bubisha kugira
boroherwe. Nico gituma, abarundi biyemeje ico gikorwa aribo banywanyi ba
FRD-ABANYAGIHUGU, biyise INTWARI mu kwemanga gutura Uburundi
bwabo amaboko, umutima, ubuzima canke amaraso yabo kugira bubashe gukira
ako karanda. Vyose bakabigira barondera ineza y’abana babo, baba abahari ubu
canke abazovuka.
2. Nivyo, iterabwoba, ubusuma n’ubwicanyi vyimonogoje mu Burundi!
Umuhari FRD-ABANYAGIHUGU wiyemeje iki canke usaba iki kugira
ngo ibintu bisubire mu buryo?
Ubwicanyi bwahereye imbere y’amatora, burabandanya mu bihe vy’amatora
gushika n’ubu bukiriko. Abagiye baricwa, usanga cane cane ari abanywanyi
b’imigambwe ya FNL, MSD na UPD-ZIGAMIBANGA. Hariho n’abagiye
baratorwa hirya no hino ku mitumba no mu nzuzi ari ibiziga, abenshi bakaba
bishwe n’abari mu nzego z’igipolisi no mu nzego z’iperereza. Ivyo vyakozwe mu
6 / 21
mugambi wateguwe neza. Tukaba dufise intonde z’abatari bake bagiye baricwa
n’abagiye barabica. Mu bicanyi, hagenda haragaruka amazina y’inkundwakazi
zimwe zimwe z’ubutegetsi zikorera mu nzego z’igipolisi n’iziperereza; ivyo
s’agaseseshwarumuri. Iruhande y’ubwo bwicanyi, twibuke ibara riherutse kurwa
muri zone GATUMBA, komine MUTIMBUZI mu ntra ya BUJUMBURA
kubijanye n’iyicwa ry’abantu mirongo itatu n’icenda (39) hamwe no muri
kaminuza y’Uburundi aho hasesetse amaraso y’abanyeshure babiri (2). Ivyo vyose,
vyaturutse kungaruka mbi y’amarementanya yaragamije ihigwa buhongo
ry’abanyepolitike bamwe bamwe bo mu migambwe ya ADC-IKIBIRI, nka
RWASA Agathon arongoye FNL, Alexis SINDUHIJE arongoye MSD n’abandi.
Ubwo bwicanyi bwaherekeje isambagurwa n’iburabuzwa ry’imigambwemu
mugambi
wateguwe na Petero NKURUNZIZA ugashirwamu ngiro
n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard NDUWIMANA
kandi ariwe yofashije imigambwe kugira yoroherwe mu bikorwa vyayo.
INTWARI za FRD-ABANYAGIHUGU n’ingabo zazo, ziyemeje gutesha abo
bicanyi bahagarikiwe n’ubutegetsi hamwe no kugarukana umwidegemvyo
w’imigambwe mu bikorwa vyayo irekurirwa n’ibwirizwa nshingiro. Ziyemeje
kandi guharanira uburenganzira n’umwidegemvyo vya buri wese nk’uko
abirekurirwa n’ibwirizwa nshingiro nyene, mu kigabanecaryo
ca kabiri,
c’ivyerekeye amasezerano ngenderwako ajanye n’ivy’agateka ka zina muntu,
ibijejwe umunyagihugu n’umuntu wese. Kirimwo kandi n’ingingo zitandukanye
zikomoka ku masezerano mpuzamakungu Uburundi bwagiye buraterako umukono.
Kubijanye n’ubusuma nabwo, abanyepolitike bo mu mugambwe uri ku butegetsi
basenyera k’umugozi umwe n’abicanyi bamwe bamwe, barashinze udushirahamwe
binyegezamwo mu gusahura Reta nka Burundi Car Services n’ayandi. Nico kimwe
no mu kurekurirwa inyungu z’umurengera canke mu guhemberwa amahera ku
bidandazwa bitigeze bitangwa. Ivyo bijanye n’amanyanga akorwa kw’itangwa
ry’amasoko ya Reta. Imiriyaridi zababa cumi na zitanu (15.000.000.000Frs Bu)
z’amafaranga y’amarundi zaratikiye zitirirwa amakaye ava i Bugande, twisunze
inkuru zavuye mu ndongozi zimwe zimwe za CNDD-FDD bizwi ko zizi ibibera
mu butegetsi. Hari n’ibijanye n’igurwa ry’ ibikoresho vyononekaye, nka dosiye
y’amahera arenga imiriyaridi zitanu (5.000.000.000FrsBu) z’amafaranga
7 / 21
y’amarundi yatikiye yitirirwa kugura ibigwanisho, hamwe twokwisunga
ivyashikirijwe n’ubugenduzi bukuru bwa Reta hamwe
n’amashirahamwe
yiyemeje kugwanya ibiturire no gusesagura amatungo yaReta.
Kuri ibi
vy’ubusuma, uwuryogoye inzego za Reta ziramuturubika, zikamutuza akomoka.
Umushingamateka Manassé NZOBONIMPA niwe yobicako umugani.
Kubijanye n’icukurwa ry’ubutare navyo, biturutse kur’ubwo busuma, birigwa
bikongera bigashirwa mu ngiro ari uko habanje gushirwa imbere inyungu z’ako
karwi kazingamitse igihugu n’abarundi. Bamwe bamwe mu barongoye intwaro
n’inzego z’iperereza bari muri ako karwi canke bakorana nako, bama bakirimbira
aho ubwo butare bucukurirwa; baranasahura abanyagihugu, bitwaza kuborohereza
ngo bacukure batekaniwe.
Amatongo y’igihugu yahindutse ivyibare vy’indongozi zimwe zimwe zo mu
mugambwe uri ku butegetsi, aho usanga ziyasagata zikigurishiriza uko zishatse.
Muri ayo matongo, hari ayakwa abanyagihugu uwuryogoye agacuranguzwa.
Naho abo basuma bafise inguvu nyinshi bahabwa n’ivyo basahuye Reta
n’abanyagihugu, INTWARI za FRD-ABANYAGIHUGU n’ingabo zabo
biyemeje gutesha no gutuza abo basuma binyegeza mu butegetsi bw’umugambwe
CNDD-FDD Petero NKURUNZIZA aturukamwo, kugira Uburundi bwiyambike
umutamana mu makungu kubijanye n’intwaro nziza ariyo ntwaro ibereye
INTWARI n’igihugu c’iteka.
3. Benshi baribaza nimba ubutegetsi bwo mu Burundi bwizigiwe n’abarundi
n’amakungu? Kur’ivyo, umuhari FRD-ABANYAGIHUGU uhagaze hehe?
Mu Burundi hari ubwicanyi butagira izina; uyu munsi, nta murundi n’umwe
ayobewe y’uko bukorwa na bamwe mu nzego z’umutekano bakingiwe ikibaba na
Reta bakorera. Ubutungane bwagizwe intare n’ubutegetsi mu kurenganya
abatavuga rumwe na Reta. Imbere y’abo bicanyi n’abo basuma, usanga
ubutungane bumeze nk’intare yahongotse amenyo. Ikurikiranwa ry’urubanza
rw’iyicwa rya Ernest MANIRUMVA ni kamwe mu burorero buzwi. Mwibuke ko
igipolisi karuhariwe mu matohoza ca Reta z’unze ubumwe za Amerrika FBI
8 / 21
catawe kuw’amazi kubijanye no kugira igikorwa coroshe cane kitomara n’iminota
itanu kijanye no kwemererwa gupima ADN y’abo bicanyi bari ku mugongo wa
Reta.
Aho ibindi bihugu vyama bitwara imidari mu twigoro bikora mu nzira yo
gusununura abanyagihugu bavyo, Uburundi bwo bwama bushirwa mu bibanza
vyambere mu bihugu ataco bimariye abanyagihugu bavyo, aho usanga ibiturire
arivyo vyiganje, ubusuma buranga ibihangange mu nzego za Reta nabwo bukaba
bwarayiciye umurya; uburorero bumwe bumwe bwatanzwe muri runo rwandiko.
Ubundi burorero bwinshi nabwo bukazogenda buratangwa bwongera busigurwa
muvyo umuhari FRD-ABANYAGIHUGU uzokwama ushikiriza muri uru
rugamba. Petero NKURUNZIZA n’akagwi kiwe bakomoka mu mugambwe
CNDD-FDD nibo bama bubahuka kuvuga ko mu Burundi ibintu vyifashe neza mu
kwirengagiza amabi akorerwa abanyagihugu bongera bagerageza guhisha umwotsi
kandi inzu iriko irasha. Iyo mvugo yarayikoresheje mu gutekera mu vyatsi
abarundi baba mu gihugu c’ubu Suisse igihe yabagendera. Ivyo yama yabishikirije
no mu Burundi ata kumaramara naho hoho, intenderi yama yasheshe umuti imbere
y’abarundi bose. Uburundi bwaramaze gucafura mu makungu. Mu gihugu hagati
naho, nta murundi n’umwe w’ijunja aha nirwere ubwo butegetsi. Bamwe baridoga
mu kinyegero, abandi bakidodomba badasohora ijwi kubera y’uko abavugiye
hejuru bomorwa canke bagakurikiranwa n’ubutungane. Umugambwe CNDD-FDD
uri ku butegetsi wiyemeje gukorana n’abakunzi b’inda naba n’iryo warobanuye mu
migambwe imwe imwe itavuga rumwe n’ubutegetsi no mumashirahamwe amwe
amwe atagira aho yegamiye muvya politike mu gukora ivyo bise “nyakurisation”.
Naho muri ayo mashirahamwe uwo mugambi utarakunda, birazwi ko bama
bawugeze amajanja.
Nta n’umwe rero akwiye gusubira kwibaza y’uko ubutegetsi bw’Uburundi
bwizigiwe n’abarundi n’amakungu kuko, ayo makosa yonyene arahagije kuba
inyishu y’ico kibazo. INTWARI za FRD-ABANYAGIHUGU nazo nyene niko
zibibona. Umuti wobaye ibiganiro nk’uko abarundi benshi n’amakungu bagiye
barabisaba. Naho mu gusiga inkore ku maso abarundi n’amakungu ubutegetsi bwa
Petero NKURUNZIZA bwari bwa vyemeye kw’igenekerezo rya 1 Mukakaro 2011
aho Uburundi bwibuka intahe yo kwikukira, bwaravyiyamirije kw’igenekerezo rya
9 / 21
26 Myandagaro 2011; aho hari mu gikorane cabereye mu KAYOGORO mu ntara
ya MAKAMBA. Ni naho muvy’ukuri Petero NKURUNZIZA ahagaze.
Umuhari FRD-ABANYAGIHUGU ntabiganiro uriko urasaba nk’uko
abanyamigambwe bama babisavye kuko, kubwa Petero NKURUNZIZA, ivyo
bisigura gusegerereza ivyicaro mu ntwaro yiwe. Ukwikingira no guhasha abicanyi
n’abasuma bazingamitse igihugu, niyo nzira INTWARI za FRDABANYAGIHUGU zafashe kuko ayandi mayira yose yasenzwe.
4. Agateka ka zina muntu mu Burundi gahonyangwa ukuri kwamye.
INTWARI za FRD- ABANYAGIHUGU zibivuga kw’iki canke zihagaze
hehe?
INTWARI za FRD-ABANYAGIHUGU co kimwe n’abarundi bose, kiretse
Petero NKURUNZIZA ari kw’isonga ry’akarwi k’abicanyi kari mu butegetsi
bwiwe, inkomamashi na ba bagabo n’iryo bacudika nako kumvo zitandukanye,
barazi neza y’uko mu Burundi agateka ka zina muntu katubahirijwe kandi
gahonyangwa ukuri kwamye, bimwe biteye ubwoba.Wanashaka muvyo
guhonyanga agateka ka zina muntu, amashirahamwe mpuzamakungu ntasiba
gusemerera yiyamiriza ako kaga.
Abanyagihugu barenga mirongo itatu na batatu (33) bo mu ntara ya MUYINGA
barafashwe batabwa mu ruzi RUVUBU (uruzi ruzwi ko amazi yarwo aruhukira
mu Nyanja Méditerranée aciye mu ruzi Nil). Ubutungane ntibwahagurutse kugira
bwubahirize agateka ka zina muntu; bwahagurutse kugira bugabanye gusa induru
y’amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu nka HUMAN
RIGHT WATCH na AMNISTIE INTERNATIONALE n’ayandi akorera mu
Burundi nka APPRODH na Ligue ITEKA. Petero NKURUNZIZA we nyene
ubwiwe akaba yaribaririye HUMAN RIGHT WATCH ko ukuba sindabibazwa,
yabitumwe n’ukwanka ko abapolisi n’abasirikare bashamirana. Naho abarundi
n’amakungu bihoreye, ntawutabonye y’uko ivyo yavuze kwari ukwikurayo. No
kubanyagihugu biciwe muri komine KINAMA yo mu gisagara ca Bujumbura niko
vyagenze. Iyicwa ry’abanywanyi b’imigambwe imwe imwe imbere y’amatora
naryo nyene rirerekana ko mu Burundi, agateka ka zina muntu katubahirijwe.
10 / 21
Mu bihe vy’amatora y’umukuru w’igihugu n’abashingamateka, ubwo bwicanyi
ntibwigeze buhagarara. Haciye hafatwa n’ingingo yo kuzivya abo bose biyamirije
ivyavuye mu matora y’amakomine n’abinuvye ingene ayo matora yatunganijwe.
Inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu yega umugambwe CNDD-FDD gusa
Petero NKURUNZIZA aturukamwo, akagwi k’abicanyi bamukorera kaciye
karushirizaho gusesa amaraso y’inzira karengane zo mu migambwe itavuga rumwe
n’uwuri ku butegetsi. Abashika amajana atatu (300), nka bose baturuka mu
mugambwe FNL wa RWASA Agathon nibo bishwe. Abarenga amajana indwi
(700) nabo bakaba baratawe mu mvuto mu mabohero atandukanye no mu busho
bw’igipolisi nubw’iperereza.
Ukurondera kuremeka inkono ishushe abanyepolitike bamwe bamwe nka Alexis
SINDUHIJE, RWASA Agathon n’abandi, vyahitanye imitwe y’abantu mirongo
itatu n’icenda (39) baguye mu GATUMBA, komine MUTIMBUZI mu ntara ya
BUJUMBURA, vyongera bihitana imitwe ibiri (2) y’abanyeshure biga muri
kaminuza y’Uburundi.
Twibutse y’uko hariho n’ubwicanyi bw’abantu icenda (9) n’abandi batari bake
bakomeretse bwabereye mu
mirima y’ibikaju y’uwitwa NAHUM
BARANKIRIZA. Ubwo bwicanyi nabwo nyene bwari bufise iyo ntumbero yo
kurementaniriza abanyepolitike bamwe bamwe naho bwaroyemwo ibinyegezwa
vyinshi bugaca buba akamizwe n’ingoma. Kuri ubwo bwicanyi nyene bwo mu
RUKOKO, Gélase-Daniel NDABIRABE, ubu akaba ari umunyamabanga mukuru
w’umugambwe CNDD-FDD mu vyo yashikirije amaradiyo, yerekanye ko ari
abatutsi bishe abahutu mu ntumbero yo kurementaniriza Alexis SINDUHIJE,
kandi inzira karengane zahaguye zava mu bwoko bwose. Ni mwumve namwe iryo
bara rikorwa n’ubutegetsi.
Tukiri kubijanye n’ubwo bwicanyi bugaragaza ihonyangwa ry’agateka ka zina
muntu, ntawokwibagira wa mugambi “SAFISHA” wahitanye abatari bake muri
abo amajana atatu (300) bavuzwe. Abavyeyi barahekuwe barabura uwo batura
amarira yabo, amashiga y’ubutegetsi buhari ubu ariyo: Urwego rw’ubutunganeUrwego rushinga amategeko-Urwego nshingwantwaro; bose bakaba babaye ba
sindabibazwa. None Uburundi bubaye ubwande? Abarundi bo babaye abande ko
11 / 21
benshi bariko baraturatuzwa kubera ihonyangwa ry’agateka kabo? Inyishu n’uko
INTWARI zabiravye hasi hejuru zikabona ko, zisunze ivyiyumviro vy’umuhari
wazo FRD-ABANYAGIHUGU, zahagurutse kugira zigwanire agateka ka buri
wese, abarundi babashe kwunga urunani mu gushinga intwaro nziza, ibereye
abakunda igihugu, gutyo Uburundi kibe igihugu giha iteka ba kavukire,
abacatsemwo indaro n’abakigendera.
5. Mbega mu Burundi hariho Demokarasi?
Kur’ubu butegetsi bwa CNDD-FDD buhari ubu, ico kibazo kirateye amadidane
menshi. Biturutse ku marorerwa akorwa n’abari ku butegetsi, biboneka y’uko
bano bakoresha ijambo Demokarasi mu gusiga inkore ku maso incuti n’abagenzi
b’Uburundi. Ivyo bigaragazwa n’uturorero dukurikira:
• Kubuza imigambwe gukora kiretse iyemeye kwunga urunani n’uwuri ku
butegetsi biturutse ku gushacoba no ku nyungu za bamwe bamwe
bayirongoye. Imigambwe idakorera kuvyipfuzo vy’uwuri ku butegetsi
irasamburwa, igacibwamwo amashami, abayirongoye n’izindi mboneza
zayo bakangazwa canke bakagirirwa amarementanya agamije kubapfunga
canke kubazimanganiriza ubuzima. Kubangajwe, aha twovuga nka Leonard
NYANGOMA arongoye CNDD, Alexis SNDUHIJE arongoye MSD,
RWASA Agathon arongoye FNL n’abandi. Kubama bariko baratuzwa, aha
twovuga nka Léonce NGENDAKUMANA arongoye umugambwe
SAHWANYA-FRODEBU, Chauvineau MUGWENGEZO
ahagarariye
umugambwe UPD-ZIGAMIBANGA, n’izindi mboneza mu migambwe nka
William MUNYEMBABAZI umunyamabanga mukuru wa CNDD,
n’abandi bari mu murwi w’abangajwe, abatotejwe n’abapfunzwe tutiriwe
turadondagura. Ako kajagari mu migambwe usanga gakorwa
n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu
Edouard
NDUWIMANA, ibiro vy’iperereza, abacamanza n’abashikiriza manza
bagenewe ico gikorwa mu ma sentare amwe amwe, kw’izina ry’ubutegetsi.
• Kwaka ububasha abanyagihugu mu kubogoza abo bitoreye canke
ababaserukira. Vyarashitse aho umugambwe uri ku butegetsi ukura ba
12 / 21
Musitanteri, ba Musitanteri nabo bagakura abarongoye imitumba, hamwe na
hamwe naho ba Buramatari ugasanga barihaye ubwo bubasha. Uburorero
bwa vuba akaba ari abakuru b’imitumba bakuwe i GIHANGA mu ntara ya
Bubanza n’i GIHARO mu ntara ya RUTANA.
Abashingamateka bakuwe, muri bo hakaba n’abaciye batabwa mu mvuto
bakagumizwa mu munyororo atamvo zishemeye ariko ari ukubera
ukutavuga rumwe muvya politike gusa. Navyo nyene tubiha insiguro yo
guhahaza umunyagihugu kubijanye na Demokarasi. Twibuke ko muri abo
bashingamateka nyene hariho abahatswe kwicwa batewe amabombe atezwa
iminwe (grenades) bazira ivyiyumviro vyabo. Mu ntumbero yo kubuza
umushingamateka
canke
umukenguzamateka
guserukira
neza
abanyagihugu, ubutegetsi bwaracengetereje mw’itegeko rigenga amatora
n’irigenga amakomine, ingingo zimwe zimwe zibuza umushingamateka,
umukenguzamateka canke umujenama wakomine kuryogora, bompi
bagategerezwa guhagararira gusa imigambwe baturukamwo. Izo ngingo
zashinzwe zarazanye utunenge mu bikorwa
umushingamateka,
umukenguzamateka n’umujenama wa komine bajejwe. Uretse gufasha
ubutegetsi kwiganza, izo ngingo ntizifasha abatwara kwumvirwa n’abarundi
n’amakungu kubijanye n’agahahazo kagirirwa abatowe n’abanyagihugu.
Ukurondera gutuza, kuburabuza, kwica no kubemeza ku nguvu
abanyagihugu ivyavuye mu matora, navyo nyene bijana no guhonyanga
Demokarasi.
• Ingendo yo kuburabuza abantu mu buzi ngo n’uko batavuga rumwe
n’ubutegetsi, bamwe bagakurwa abandi bakabima akazi kandi bose ari bene
Burundi, batanga amatagisi n’amakori kumwe, niyo iranga ubutegetsi.
Abatoza amatagisi n’amakori bayasokora ahanini mubo ubutegetsi
bukumira, ivyo bigaha ico gikorwa insiguro y’ibihano kuko, inkundwakazi
zitari nke zidatanga ayo makori canke zikayatanga nabi nabi. Ayo makori
n’amatagisi vyiyongera ku mfashanyo Uburundi buhabwa n’amakungu,
igice kinini cavyo kinyikira mu mifuko ya bamwe bamwe aribo usanga
bubaka amazu na Reta itagira, biturutse k’ubusuma. Rya terambere ryovuye
13 / 21
ku munyagihugu rikamusubirako biturutse ku kwitanga kwiwe, usanga riva
kubanyagihugu bamwe bamwe bitanga, hako ribasubirako rikayongera mu
nda no mu mifuko vya bamwe bamwe.
• Kubijanye n’amatora, ubutegetsi usanga butegekanya amanyanga menshi
mu kuyategura, ku buryo mu banyagihugu horoherezwa bamwe (abavuga
rumwe n’ubutegetsi) abandi bagategwa imitego (abatavuga rumwe
n’ubutegetsi).
Inyishu y’ivyo vyose n’uko umuhari FRD-ABANYAGIHUGU ubona ko mu
Burundi Demokarasi igeze aho umwansi ashaka, bitewe n’ingendo mbi
y’ubutegetsi. INTWARI zikaba zihagurukanye n’abanyagihugu bose kugira
ziyisubize umutamana zongere ziyibungabunge.
6. Umuhari FRD-ABANYAGIHUGU urwanya ba nde, uhanganye na bande?
Umuhari FRD-ABANYAGIHUGU uhanganye n’abasuma n’abicanyi bari mu
butegetsi aribo nguvu za Reta ihari ubu itagira intumbero ya politike. Twibutse ko
abo bicanyi n’abo basuma bishimikiza inguvu z’ubutegetsi mu kw’ica, bakoresheje
bamwe bamwe bama badomweko urutoke bakorera inzego z’igipolisi
n’iz’iperereza. Abo basuma n’abicanyi mu kwiyorohereza usanga barateguye
ababakingira ikibaba n’ababorohereza mu nzego z’ubutunzi. Abo basuma
bavanzemwo abicanyi, usanga n’inzego zijejwe ubutungane bazikoresha.
Baranakoresha abanyamigambwe bamwe bamwe gusambura imigambwe yabo
kugira icike inkokora zo kubadomako urutoke. Bama bagerageje akabi nk’ako mu
mashirahamwe yigenga ataho yegamiye muvya politike, naho batarabishikako
dufatiye ku karorero k’inama yabereye i Gitega, hagati y’ayo mashirahamwe nyene
n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.
Umuhari FRD-ABANYAGIHUGU uhanganye n’abo ba rwankabiyago bose
twadondaguye bazwiko ubwo busuma n’ubwicanyi, hamwe n’abo bose bakokeza,
ba nda ndende na ba n’iryo babafashe mu mugongo.
14 / 21
7. Muri aka kajagari kari mu Burundi, imbere y’ubwicanyi bwabaye ndanse
bukorwa n’abokingiye abanyagihugu, imbere y’ibiturire n’ubusuma
vyazingamitse igihugu, ubuzima bw’abarundi dusanga bwazingamye
bitewe n’ ako karanda. Ubu benshi baribaza bati: mbega agakiza kazova
hehe?
Abarundi ubu ntibabona icobakiza kuko utwigoro twinshi twarasenzwe. Benshi mu
banyepolitike babaserukira bagerageje kuvuga biciye mu migambwe yabo
baromowe. Abashoboye kurinda nabo barara ntibuca. Uwugize aravuga mu
banyagihugu bamucisha kubuhombo iyo adatunzwe n’ayo yameze mu kuja
kunyegera. Mu ndongozi z’amashirahamwe atagira aho yegamiye no
mubamenyesha makuru abariye umutima amenyo bakadoma urutoke ku nkorabara
zimwe zimwe bishimikije intumbero y’umwuga wabo, baca baturubikwa
n’ubutungane mu kurengutswa agasakisaki mu ntumbero yo kubagabisha,
kubapfunga canke kugera amajanja yo kubapfunga. Icipfuzo ca Reta n’uko amabi
yose akozwe yoba akamizwe n’ingoma. Ibiganiro vyariyamirijwe n’ubutegetsi
naho rimwe na rimwe Reta ihenda abarundi n’amakungu y’uko itanka ibiganiro
ishaka kuvuga ibiganiro yogirirana n’incuti zayo. Abarundi bakeneye kwivuna
umwansi yica yongera yiba, tukavuga ko ubu bafise icizere k’umuhari FRDABANYAGIHUGU wo uje kwunganira utundi twigoro twose twari tumaze
gukorwa, Reta ikigira sindabibazwa.
8. Umuhari FRD-ABANYAGIHUGU wiyemeje gukorana na bande igihe
washingwa?
Ico abarundi n’amakungu bomenya, n’uko INTWARI mu barundi n’INGABO
mu NTWARI ba FRD-ABANYAGIHUGU badakorana n’umugambwe n’umwe
canke ishirahamwe iryo ariryo ryose rifise isano n’ivya politike canke niridakora
ivya politike. Nta mugambwe n’umwe canke ishirahamwe iryo ariryo ryose
bitegerezwa kuwiyitirira. Aha INTWARI za FRD-ABANYAGIHUGU
ziragabishije abo bose bogira ivyo batoza canke bavuga ku nyungu zabo kw’izina
ry’INGABO Z’ABANYAGIHUGU mu kwiyita incuti z’umuhari canke bene
15 / 21
umuhari batabirekuriwe n’inzego zirongoye umuhari, batanazwi mu muhari ariko
bakiyita incuti zawo.
Imigambwe irazi ibikorwa ijejwe, amashirahamwe yigenga niko kw’uko.
INTWARI za FRD-ABANYAGIHUGU ziriyamirije imvugo zimwe zimwe
z’indongozi zikomoka mu mugambwe uri ku butegetsi canke ivyitso vyawo, bama
bariko barakokeza berekana y’uko umunyagihugu avuga canke afata umuheto aba
abitumwe n’imigambwe runaka, uyu canke uriya mu banyepolitike badacana
uwaka n’ubutegetsi, canke amashirahamwe yama ariko arasemerera kubijanye
n’amabi akorerwa abanyagihugu. Turazi ko n’ubu abo bategetsi mu guta umutwe,
hatabuze abo bazorementaniriza mu gukomeza ya nzira yo gusambura imigambwe
yabo canke amashirahamwe yabo.
Umuhari FRD-ABANYAGIHUGU ukorana n’uwo wese afise umutima n’ishaka
vyo kurwanya akajagari muvya Demokarasi, kurwanya ubusuma n’ubwicanyi,
akaba kandi yishimiye yongera yemanga umurongo umuhari wafashe mukuwugira
rwiwe. Mu bikorwa vya FRD-ABANYAGIHUGU, nta n’umwe yemerewe
kwishimikiza intumbero ya politike ikorerwa mu mugambwe uwariwo wose.
Abarundi barazi ko imigambwe yabujijwe gukora mu gihugu. Abacinanata mu
gukorera imigambwe yabo, nibabandanye arikontibitwaze
umuhari FRDABANYAGIHUGU kuko wowo urazi ko ubutegetsi bwamaze gufuta ibikorwa
vy’imigambwe. Kugira iyo migambwe izosubire gukora ukuri kwamye nk’uko
ibwirizwa nshingiro ribitegekanya, navyo nyene n’urugamba
FRDABANYAGIHUGU yiyemeje. Nta n’umwe ayobewe aho Reta ya Petero
NKURUNZIZA ihagaze kubijanye n’ibikorwa vy’imigambwe itavuga rumwe
nayo. Iyo migambwe ishobora kuronka agahengwe aruko yinjiye muri rwa runani
rw’ihuriro ry’imigambwe bise “Forum des partis politiques” rurongowe
n’IMBONERAKURE NZOPFABARUSHE Melchiade (nk’uko imwe imwe
yabikoze), rukorera mu kwaha kw’umugambwe CNDD-FDD uramutswa igihugu.
Iyo migambwe yama isaba ibiganiro, Reta ikavyita gusegerereza Ivyicaro. Nta
biganiro INTWARI za FRD-ABANYAGIHUGU ziriko zirasaba abo bicanyi.
Zaramaze gutahura y’uko batabikeneye. Kugira iyo migambwe ntiryogore, yama
iriko iragirizwa ngo ifise abarwanyi kandi atari vyo, twisunze ivyo abayirongoye
16 / 21
bama bariko barashikiriza. Kuvyerekeye umuhari FRD-ABANYAGIHUGU
wemanze imbere y’abarundi n’amakungu ko ufise abarwanyi bizogenda gute?
Kuwubuza kuryogora nk’abo bandi, INTWARI za FRD-ABANYAGIHUGU
zirabihakanye!
Umuhari FRD-ABANYAGIHUGU urakebuye abo bose bawushigikiye
n’umutima wabo wose kutajuragizwa na Reta mu kubitiranya n’abanywanyi ba
ADC-IKIBIRI isanzwe ikoresha politike y’akarimi. Imigambwe ya ADC-IKIBIRI
ifise inzira yayo, umuhari FRD-ABANYAGIHUGU ukagira iyayo. Muri FRDABANYAGIHUGU, nta muntu n’umwe akumiriwe azira umugambwe aje
aturukamwo, ubwoko, igitsina, intara, idini n’ibindi. Ni nk’uko ata NTWARI
n’imwe irekuriwe gukumira abandi basangiye urugamba ibahora umugambwe baje
baturukamwo, ubwoko, igitsina, intara, idini n’ibindi.
9. FRD-ABANYAGIHUGU n’umuhari wa bande?
N’uwuwo wese yiyemeje gushigikira ivyiyumviro vy’umuhari FRDABANYAGIHUGU mu kuvyunganira atanga intererano y’uburyo n’ivyiyumviro
vyubaka, bishobora gufasha umurundi wese yemanga kwitangira igihugu kugira
abashe gutesha abicanyi, abasuma n’abatera akajagari muvya Demokarasi.
Umunywanyi wa FRD-ABANYAGIHUGU n’uwo nyene usanga akora
yishimikiza amategeko ngenderwako y’umuhari ata buryarya. Uwo abigenjeje
gutyo, niwe NTWARI mu banyagihugu kandi niwe nyene FRDABANYAGIHUGU.
10. Umuhari FRD-ABANYAGIHUGU ufise iyihe migambi ?
Imigambi y’umuhari FRD-ABANYAGIHUGU ishingiye k’Ubutungane kuri
bose, umugambi w’Amahoro kuri bose no kubijanye n’inagurwa rya Demokarasi
mu Burundi. Ahari ubutungane nyabwo uhasanga amahoro na Demokarasi. Ahari
amahoro, usanga harangwa ubutungane nyabwo na Demokarasi. Ahari Demokarasi
idakumira usanga hari ubutungane nyabwo hakongera hakaba hari amahoro.
Kubwa FRD-ABANYAGIHUGU, ivyo vyose n’umushinge w’iterambere
17 / 21
ridakumira. Imigambi ya FRD-ABANYAGIHUGU ivyagiye kur’ayo mashiga
atatu : Ubutungane-Amahoro-Demokarasi. Ido n’ido kubijanye n’iyo migambi
muzobisanga k’umuhora w’amakuru ngurukanabumenyi ariwo « site internet » :
« www.burundi-itsitso.info ». Kuwushaka gutahuza, azotwandikire kuri :
« [email protected] » no kuri
facebook « ingaboabanyagihugu ».
Mu gusozera, INTWARI zihurikiye mu muhari FRD-ABANYAGIHUGU zisaba
abarundi n’amakungu ibi bikurikira :
1. Uwo wese, yaba umurundi canke umunyamahanga, eka ndetse n’uwoba
ari mu butegetsi, asabwe kutarementaniriza INTWARI za FRDABANYAGIHUGU n’ingabo zabo, mu kuzitirira iyindi ntumbero ya
politike atari iyo twashikirije muri runo rwandiko. Asabwe kandi
kutazokwigera yitirira INTWARI za FRD-ABANYAGIHUGU n’ingabo
zabo ibikorwa batakoze kuko umuhari wemanga kandi
uzokwemanga ibikorwa vyose uzoba wakoze ukazokwama ubicisha
k’umuhora wa INTERNET « www.burundi-itsitso.info » no kuri
FACEBOOK « ingaboabanyagihugu » canke ku bindi binyamakuru,
vyaba ivy’umuhari bishobora kuvuka, canke ibindi bishobora
gushikiriza amakuru vyohabwa n’abaserukira umuhari FRDABANYAGIHUGU bazwi .
2. INTWARI za FRD-ABANYAGIHUGU zisavye abarundi bose n’incuti
z’abo zose guhagurukira ubusuma n’ubwicanyi vyimonogoje mu gihugu
mu gushigikira inzira iyo ariyo yose yotuma ako karanda karanduranwa
n’imizi harimwo n’iyi umuhari FRD-ABANYAGIHUGU wafashe.
3. Umuhari FRD-ABANYAGIHUGU usaba ivyabona vyose vy’ubwicanyi
buriko buraba mu Burundi muri kino gihe, baba abari muvya politike
canke abataho begamiye, baba abanyamadini, gushengeza abicanyi
bose bo mu butegetsi bwa Petero NKURUNZIZA na Reta arongoye
mu makungu no muma sentare mpanavyaha, mu karere n’ahandi
kubera y’uko ibimenyetso vyose vyarerekana ko amasentare yo mu
gihugu ata nguvu afise ; kuri ivyo, imanza zijanye n’urupfu rwa Ernest
MANIRUMVA, ubwicanyi bwo mu GATUMBA n’izindi…, muri FRD18 / 21
ABANYAGIHUGU birazwi ko ata ntambwe zizotera. Iruhande yo
gushengeza Reta, hokorwa akigoro k’amakungu mu gufasha abarundi
kugira amatohoza y’inzira karengane zirenga amajana atatu(300) zagiye
ziratorwa ibiziga hirwa no hino mu nzuzi, ku mitumba no mu kiyaga
Tanganyika.
4. Umurundi wese arafise uburenganzira bwo kuja aho ashaka mu gihugu,
bwo guserura ivyiyumviro vyiwe, bwo gukora politike nk’uko abirekurirwa
n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi. Kubera ivyo, inzego
z’umutekano zikoreshwa n’ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA
kuburabuza abanyagihugu zihonyanga agateka kabo, zongera zigwanya
abahagurukiye gutuza ubusuma n’ubwicanyi mu gihugu, zisabwe
gutahura ko urugamba zirimwo atari urwazo, ntiziriko zigwanira igihugu
ahubwo, ziriko zirwanira abasuma, abicanyi n’umuryango wa Petero
NKURUNZIZA.
5. Umuhari FRD-ABANYAGIHUGU usavye abarundi n’amakungu
guhagurukira ikibazo ca Demokarasi igeze ahatemba mu Burundi, kugira
imigambwe isubire gukora ukuri kwamye, akajagari gaterwa n’ubutegetsi
mu migambwe gahagarare. Kugira kandi, ingendo yo kuvuguruza
abanyagihugu mu gutuza ababaserukira, haba mu migambwe canke
amashirahamwe, kubabogoza, kubangaza canke kubata mu mvuto
bahorwa kutavuga rumwe n’abo mu nzego nshingwantwaro,
bihagarare. Ivyo guhorwa kwiyamiriza abavuga ko batsinze amatora,
navyo nyene bihagarare kuko, muri Demokarasi, umwe wese arafise
uburenganzira bwo guserura ivyiyumviro kuri ivyo vyose abonamwo
amahinyu, n’ibimuteye amakenga cane cane iyo abikoze yumviriza
abandi yongera yemera ko abagabo boja hagati bikenewe, kugira
bashire ahabona ukuri canke babahuze.
6. Umuhari FRD-ABANYAGIHUGU usavye abarundi bose kurengera
ingorane z’inzara n’ubukene basutswemwo n’ubutegetsi, mu
kwitandukanya n’abo basuma n’abicanyi naho boba basangiye
umugambwe.
19 / 21
7. Umuhari FRD-ABANYAGIHUGU usavye ibihugu bibanyi (Tanzaniya,
Urwanda na Congo), ibihugu vy’akarere k’ibiyaga binini, igihugu ca
Afrika y’epfo n’ibindi vyose, co kimwe n’amashirahamwe
mpuzamakungu vyafashije kugira haterwe ibikumu ku masezerano ya
Arusha n’ayandi yo guhagarika intambara, gusubira guhaguruka kugira
ngo ayo masezerano atandukanye agarukirwe vuba kuko ariyo soko
ry’ibwirizwa nshingiro ; Iryo naryo rikaba ririko rirahonyangwa
n’ubutegetsi buhari, kandi ari navyo bisubije igihugu mw’ihumbi. Uwo
muhari usavye kandi ivyo bihugu kutazokwigera birwa mu mitego
y’ubwo butegetsi, bwo bwirengagiza amabi bukora bukama bushaka
kuyegeka ku banyepolitike bamwe bamwe, ku migambwe imwe imwe
n’ubu bikaba bizwi ko butazohengeshanya kurementaniriza umuhari
FRD-ABANYAGIHUGU uhejeje kuja ahabona.
8. Umuhari FRD-ABANYAGIHUGU usavye abarundi n’amakungu
kutazowuhora umugambwe n’umwe nk’uko vyari bihitiye, aho
ubutegetsi bwashatse kugira ingwano n’imigambwe n’abanyepolitike
bamwe bamwe bubesha ngo buyihora abarwanyi, mu guhisha ingeso yo
kuzimanganya Demokarasi.
9. Umuhari FRD-ABANYAGIHUGU usavye abarundi bose, baba abari mu
gihugu no hanze y’igihugu, baba abapfunzwe canke abangajwe,
kuwunganira kugira ngo ubwicanyi n’ubusuma bisezererwe mu gihugu,
aboba bafise imigambi irashe nk’iyo nabo, ukaba ubemereye
kuzobunganira bawuteye akamo, mu gushira inguvu hamwe.
10.Umuhari FRD-ABANYAGIHUGU urangije umenyesha inama
mpuzamakungu ONU, ishirahamwe ry’ibihugu vya buraya ariryo UNION
EUROPEENNE, ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ariryo UNION
AFRICAINE, ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu buseruko bwa Afrika
ariryo EAST AFRICAN COMMUNITY, igihugu ca Afrika y’epfo n’ibindi
bihugu vyo mu karere, amashirahamwe mpuzamakungu ajejwe
ivy’agateka ka zina muntu ariyo HUMAN RIGHT WATCH na AMNISTY
INTERNATIONAL, hamwe n’ayakorera mu gihugu hagati, ko ata kindi
catumye abarundi bafata ibirwanisho kw’izina ry’uyo muhari atar’uko
20 / 21
buri wese mu bubahutse kuba abanywanyi (INTWARI za FRDABANYAGIHUGU) abona ko umutekano wiwe n’uwo abandi
bavukagihugu ubangamiwe ata gitabara, biturutse kuri ubwo bwicanyi ku
ruhande rumwe, n’isahurwa ry’ubutunzi bw’igihugu vyatumye
abarundi batubika umukanda k’urundi ruhande. Ido n’ido kuvyo
umuhari FRD- ABANYAGIHUGU usaba uzokwama ubibashikiriza
ubicishije kubabaserukira bari mu Burundi no mpande zose z’isi.
MURAKOZE !
Bigiriwe muri komine GISURU kw’igenekerezo
rya 22 Munyonyo 2011
Kubwa komite nyobozi y’umuhari
FRD-ABANYAGIHUGU
Umukuru w’ibiro bikuru
Vy’INGABO Z’ABANYAGIHUGU
KABIRIGI Pierre Claver
Colonel
21 / 21