republique du burundi
Transcription
republique du burundi
REPUBLIQUE DU BURUNDI REPUBLIKA Y’UBURUNDI FORCES POUR LA RESTAURATION DE LA DEMOCRATIE INTWARI Z’IHAGARARIYE DEMOKARASI FRD-ABANYAGIHUGU FRD-ABANYAGIHUGU FRD-ABANYAGIHUGU E –mail : [email protected] Site : www.burundi-itsitso.info MEM/FRD/001/2011 : IVYIYUMVIRO BIKURU « MEMORANDUM » BISHIZWE AHABONA N’UMUHARI “FRD-ABANYAGIHUGU” KUWA 22 MUNYONYO 2011, KUBIJANYE N’I NGENE IBINTU VYIFASHE MU GIHUGU INTANGAMARARA Inyifato y’indongozi z’Uburundi yo guhonyanga Demokarasi muri kino gihe igatuma haba ubwicanyi butagira izina hamwe no kutibanga ukubaho kw’abanyagihugu mu gusasira indava ubusuma, ibiturire no gusesagura amatungo ya Reta, nivyo vyatumye abarundi bihebura. Ivyo vyatewe n’iki? Abo bategetsi kugira babashe kwuzuza imifuko yabo atawuryogora, bashimye gufuta Demokarasi kugira igihugu kiganzwe n’umugambwe umwe rudende woborohereza kwiba ukongera ukabakingira. Nico gituma mu myiteguro y’amatora yo mu 2010, ubutegetsi bw’umugambwe CNDD-FDD Petero NKURUNZIZA aturukamwo bwahisemwo gukomeza umurego mu gutwaza umukazo, mu kugira iterabwoba, rivanze n’ubwicanyi ku buryo higaragaje icuka kibi mu gihugu imbere y’uko ayo matora ategurwa. Imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi yaraturubitswe, ibiri (2) mu yikomeye icibwamwo amashami (SAHWANYA-FRODEBU na FNL) mu ntumbero yo kuyisambura canke kugira ije mu matora igoya goya. S’ivyo gusa, iyo migambwe co kimwe n’iyindi itavuga rumwe n’ubutegetsi yaraburabujwe, irabuzwa kugira amanama wanashaka amabendera yayo akibwa bitewe n’imigambi yapfundikwa n’abari ku butegetsi. Mu banywanyi b’imwe muri iyo 1 / 21 migambwe, hari abishwe abandi barapfungwa. Hari abashingamateka bagiriwe ibitero vy’amabombe atezwa iminwe (Grenades) kugira ntibaryogore, hongera hafatwa n’ingingo yo gusubirizwa abashika mirongo ibiri na babiri (22) hahonyanzwe ibwirizwa nshingiro. Abo bazize ko batari bakivuga rumwe n’abatwara kuko ico bahowe cari gutuma hirukanwa benshi kurusha. Ivyo bikaba vyaratumye bamwe mu bagenzi babo baba ba n’iryo mu kwemera ishingwa ry’itegeko rigenga amatora bizwi neza ko ritubahiriza, ryaba ibwirizwa nshingiro, yaba n’amasezerano y’i Arusha rikomokako. Ivyiyumviro vy’abari ku butegetsi vyari ivyo guhindura Inama nshingamateka, inama nkenguzamateka n’inama z’amakomine ibikoresho vy’umugambwe wabo. Ivyo vyatumye ya nyabutatu y’ubutegetsi ariyo Reta-Ubutungane-Urwego nshingamategeko rugizwe n’inama nshingamateka na nkenguzamateka isenyuka. Twibutse ko urwego rw’ubutungane arirwo rwatanguye gutembagara bitewe no gukoreshwa muma rementanya, mu guca imanza za ngondagonde mu ntumbero yo gutuza abatavuga rumwe n’ubutegetsi canke abatavuga ibiburyohera. Muri ico kiringo nyene c’imbere y’amatora, ivyo biharuro vy’umugambwe uri ku butegetsi nivyo vyatumye nka Alexis SINDUHIJE yaraherutse gushinga umugambwe MSD, Jean Claude KAVUMBAGU umukuru w’ikinyamakuru Net press, RUDUDURA Juvenal icegera c’umukuru wa sendika y’abakozi batari abacamanza bo mu bushikiranganji bw’ubutungane batabwa muri yompi. Uko vyagiye biragenda kugira barekurwe, baba abarundi canke abanyamahanga bakaba bagiye barabikurikirana. Uretse ico cuka kibi ubutegetsi bwateye mw’itegurwa ry’amatora, mu bihe vy’amatora ntacahindutse kuko abatavuga rumwe n’ubutegetsi bagumye baturubikwa hakaba abishwe n’abapfunzwe. Muri ico gihe nyene, umurwi CENI(Commission ElectoraleNationale Independante) war’ujejwe amatora warerekanye ukutigenga kwawo haba mw’itangwa ry’ibikoresho vy’amatora, haba mubijanye no kubicungera. Mu matora, abarundi benshi bariboneye amanyanga atari makekuva kw’ihagarikirwa ryayo gushika kw’iharurwa ry’amajwi. Amasandugu yarimwo amajwi adaharuwe yagiye aratorwa hirya no hino, ivyo bikaba bishimangira ivyo Petero NKURUNZIZA akunze kwivugira ko atari amajwi y’abanyagihugu yamuhaye ubutegetsi sinayo ngo ashobora gutuma atsinda canke atsindwa. 2 / 21 Abasemereye mu kubishira ahabona, bamwe baratawe mu mvuto. Naho abatari bake mubaserukira ibihugu bimwe bimwe n’amashirahamwe mpuzamakungu amwe amwe bagerageje kwerekana ko amatora y’amakomine yagenze neza, bongera basaba ko utunenge twibonekeje twotosorwa mu matora yokurikiye, abarundi bava mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi barayiyamirije bongera biyemeza kutaja mu matora y’umukuru w’igihugu, y’abashingamateka n’abakenguzamateka hamwe n’ayo ku mitumba. Niho n’imigambwe yabo yaca itegeka abari kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu gusokora. Ivyo vyatumye amatora yose yarasigaye ahinduka urubanza rw’umugambwe CNDD- FDD gusa Petero NKURUNZIZA aturukamwo, ukaba wayaherekejwemwo na basomambike bawo. Abasokoye bose, ubutegetsi bwabagize abansi babwo. Petero NKURUNZIZA yaraharaniye wenyene ubutegetsi atawe bahiganwa, araheza arabwishikiriza. Atanguye ikiringo kigira kabiri c’imyaka itanu, yaciye atangura kuresha imigambwe yose ngw’ije kugira urunani n’umugambwe wiwe CNDD-FDD. Imigambwe igoyagoya iremera, iyihagazeko icika iy’abansi; muri yo, abayirongoye baraturubikwa kugeza aho bomoka. Abashoboye kurinda bakama bacurangujwe n’inzego z’umutekano n’izo ubutungane mu gusakwa, gufatwa no kurengutswa ivy’agasakisaki. Uko kwangazwa no guturubikwa kw’abanyepolitike kwaherekejwe n’iturubikwa ry’abamenyesha makuru hamwe n’abari mu mashirahamwe yigenga batariye umunwa mu kudoma urutoke ku mabi akorerwa abanyagihugu n’igihugu. Ayo mabi akaba ajanye n’ubusuma, ibiturire, ugusesagura amatungo ya Reta n’ubwicanyi. Kubijanye n’ubusuma, haravuzwe udushirahamwe twashinzwe n’indongozi zimwe zimwe zo mu nzego z’umutekano niza politike, usanga twihagira amasoko ya Reta dufashijwe n’abajejwe ivy’ubutunzi mu nzego zo hejuru, tukarihwa amahera biciye mu manyanga menshi. Kuri ivyo bijanye n’ubusuma nyene, haravuzwe idosiye ijanye n’amamiriyaridi ashika cumi n’atanu (15.000.000.000Frs Bu) yanyikijwe yitirirwa igurwa ry’amakaye. Ayo mahera azwi ko yari indishi y’umwenda igihugu ca Ouganda cari gifitiye Uburundi. Kubijanye n’icukurwa ry’ubutare navyo, biturutse ku gatima k’ubwo busuma, birigwa bikongera bigashirwa mu ngiro ari uko habanje gushirwa imbere 3 / 21 inyungu z’ako karwi kazingamitse igihugu n’abarundi. Ntawodondagura ayo madosiye yerekeye ubusuma ngo ayamare; ayandi atari make tuzoyagarukako mu vyiyumviro bizogenda birashirwa ahabona, mu matangazo anyuranye, mu biganiro umuhari “FRD-ABANYAGIHUGU” uzogenda urashikiriza muri bino bihe vy’urugamba. Ikizwi kandi bose babona, n’uko ubwo busuma bwazingamitse ubuzima bw’abarundi. Iruhande y’umugambi wo gusambura imigambwe washizwe mu ngiro n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, harakozwe n’ubwicanyi bw’agahomerabunwa bwagizwe na bamwe bamwe bo mu nzego z’igipolisi n’iperereza muvyo bise “SAFISHA”. Mubishwe, benshi baturukamu mugambwe FNL, umwe muyigize urunani ADC-IKIBIRI urongowe na RWASA Agathon. Igihe havugwa uyo mugambi, hari ubwicanyi bw’inzirakarengane mirongo itatu n’icenda (39) bwabereye muri zone GATUMBA, komine MUTIMBUZI iri mu ntara ya BUJUMBURA kw’igenekerezo rya 19 Nyakanga 2011. Ubwo bwicanyi bwakozwe na bamwe bamwe bo mu nzego z’igipolisi n’izi iperereza baguye mumutego w’amarementanya yama arikoarakorwa n’ubutegetsi bayoboka bwa CNDD-FDD. Ikibabaje n’uko Petero NKURUNZIZA na Reta yiwe baciye baja gukindira ku mivyimba y’ababuze biherekesheje n’abaserukira ibihugu vyabo ata kumaramara. Ku bwabo, bibaza ko baronse inzira itomoye yo gutuza abatavuga rumwe nabo mu kubaremeka inkono ishushe y’ivyo bo nyene bakoze. Ubwo bwicanyi busa n’ubwabereye i MUYINGA aho intumwa za Petero NKURUNZIZA zo mu nzego z’umutekano, ku bukozi bw’ikibi, zataye mu ruzi RUVUBU abantu benshi, hakaba hamenyekanyemwo mirongo itatu na batatu (33). Amanyanga yabaye muvy’ubutunzi yatumye ubukene mu banyagihugu buba ndanse, abategetsi ku ruhande rwabo bakaguma ari ba sindabibazwa. Uretse ubukene n’inzara bimaze gushira abarundi mu muhora w’amaganya n’urupfu, ubwicanyi bwakozwe, n’ubu bugikorwa buza busongera isibe. Igitangaje n’uko abarongoye Uburundi bivugra ko umutekano ari wose, bigasigura ko batari kumwe n’abarundi mu maganya barimwo kandi ko uwobishinga ata muti wopfa ubonetse. Abarundi benshi baramaze kubona ko abanyagihugu basigaye bameze nk’impfuvyi; muribo hariho abagiye barafata ibigwanisho ngo bigwaneko. Bahavuye bashinga umuhari bise “FRD-ABANYAGIHUGU” kugira barwanye 4 / 21 abo bicanyi n’abasuma bavuzwe gushika babomoye. Na cane cane k’ubutegetsi bwanse ibiganiro abakunda Uburundi bobuhanuriyemwo. Uwo muhari “FRD-ABANYAGIHUGU” urimwo “INTWARI” mu barundi n’”INGABO” mu “NTWARI” bagendera ivyiyumviro bishingiye ku majambo akurikira: 1. Mbega umuhari FRD-ABANYAGIHUGU n’iki? FRD-ABANYAGIHUGU s’umuhari w’abasuma canke uwo abasuma bakoreramwo nk’uko biri mu butegetsi bw’umugambwe CNDD-FDD Petero NKURUNZIZA aturukamwo. Kukaba nkako, iyo Reta irangwamwo uturwi turwi tw’abasuma n’abicanyi, bamwe ugasanga binyegeje mu banyepolitike, abandi nabo mu nzego z’umutekano, bose bagasenyera k’umugozi umwe bakingiwe ikibaba n’ubutegetsi hamwe na bamwe bamwe mu bajejwe ubutungane. Iyo Reta nyene y’umugambwe CNDD-FDD yarimaze iminsi ijuragiza abarundi n’amakungu, igerageza kwerekana y’uko, abanyagihugu bafashe ibigwanisho babitumwe n’uko bicwa ata gitabara, bagaturubikwa, bagapfungwa, bakakwa uburenganzira bwose bahabwa n’ibwirizwa nshingiro kubijanye no gukora ivya politike, eka ndetse bakamburwa n’agateka kabo kubijanye n’uburenganzira bwa kiremwa muntu, abo nibo Reta ya Petero NKURUNZIZA yita abasuma n’abicanyi. Mu nsiguro zitangwa n’abo bategetsi kur’ayo maraso aseseka, bivugira ata mpuhwe ngo: “No muri Reta z’unze ubumwe za Amerika (USA), muri Afrika y’epfo (RSA) n’ahandi, abantu barapfa. Kuri ivyo, abashikira Barack Obama atwara Reta z’unze ubumwe za Amerika na Jacob Zuma atwara igihugu ca Afrika y’epfo, bobatubariza y’uko inzego z’umutekano muri ivyo bihugu zica abanyagihugu zijejwe gukingira! Abica n’abiba buzuye mu butegetsi bwa Petero NKURUNZIZA badasiba kudomwako urutoke, usanga batekaniwe, banafise ijambo rinini mu gihugu. Ababadomako urutoke nibo bama barara ntibuca, bagirirwa iterabwoba rya minsi yose, baturubikwa, bahahazwa bongera bapfungwa, benshi bakaba barishwe. Iyo Reta nyene iguma isasira yongera ibagabisha, ibagereranya n’abacanira umucanwa mu nzu iwabo utegerezwa guherera iwabo nyene. 5 / 21 Mu Burundi ibintu vyarayangaye! Reta yotabaye abanyagihugu niyo ibadendura mu gukingira ikibaba abicanyi n’abasuma. Mu kubishikako, usanga ibangamira abo bose batera ivyatsi ubwo bubisha, baba abanyepolitike, baba abari mu mashirahamwe atagira aho yegamiye muvya politike, baba n’abamenyesha makuru, vyose ikabigira ibicishije kuri bamwe bamwe bakorera mu kwaha kw’inzego z’umutekano n’ubutungane. Ni kuri izo mvo habanje kuvuka “INGABO Z’ABANYAGIHUGU”. Abarundi batari bake bari mu mirwi itandukanye kandi bashegeshwe n’ivyo ubutegetsi bwikoza barazishigikira, barazunganira mu vyiyumviro, bahava baca inzira yo gukora basenyera ku mugozi umwe kugira ngo barwanye ako karanda mu Burundi. Niko gushinga umuhari FRD-ABANYAGIHUGU ugizwe n’INTWARI mu BARUNDI, biyemeje ico gikorwa co guhagarika ubwo bubisha bafadikanije n’INGABO mu NTWARI, izo nazo zikaba zigizwe na bakiremesha aribo INGABO Z’ABANYAGIHUGU. Uguhaguruka kugwanya ubwo bwicanyi n’ubusuma s’igikorwa coroshe. Na cane cane iyo ari uguhangana n’ubutegetsi bwama bugerageza guhisha umwotsi inzu iriko irasha no gutuza abo bose bubahutse kudomako urutoke ubwo bubisha kugira boroherwe. Nico gituma, abarundi biyemeje ico gikorwa aribo banywanyi ba FRD-ABANYAGIHUGU, biyise INTWARI mu kwemanga gutura Uburundi bwabo amaboko, umutima, ubuzima canke amaraso yabo kugira bubashe gukira ako karanda. Vyose bakabigira barondera ineza y’abana babo, baba abahari ubu canke abazovuka. 2. Nivyo, iterabwoba, ubusuma n’ubwicanyi vyimonogoje mu Burundi! Umuhari FRD-ABANYAGIHUGU wiyemeje iki canke usaba iki kugira ngo ibintu bisubire mu buryo? Ubwicanyi bwahereye imbere y’amatora, burabandanya mu bihe vy’amatora gushika n’ubu bukiriko. Abagiye baricwa, usanga cane cane ari abanywanyi b’imigambwe ya FNL, MSD na UPD-ZIGAMIBANGA. Hariho n’abagiye baratorwa hirya no hino ku mitumba no mu nzuzi ari ibiziga, abenshi bakaba bishwe n’abari mu nzego z’igipolisi no mu nzego z’iperereza. Ivyo vyakozwe mu 6 / 21 mugambi wateguwe neza. Tukaba dufise intonde z’abatari bake bagiye baricwa n’abagiye barabica. Mu bicanyi, hagenda haragaruka amazina y’inkundwakazi zimwe zimwe z’ubutegetsi zikorera mu nzego z’igipolisi n’iziperereza; ivyo s’agaseseshwarumuri. Iruhande y’ubwo bwicanyi, twibuke ibara riherutse kurwa muri zone GATUMBA, komine MUTIMBUZI mu ntra ya BUJUMBURA kubijanye n’iyicwa ry’abantu mirongo itatu n’icenda (39) hamwe no muri kaminuza y’Uburundi aho hasesetse amaraso y’abanyeshure babiri (2). Ivyo vyose, vyaturutse kungaruka mbi y’amarementanya yaragamije ihigwa buhongo ry’abanyepolitike bamwe bamwe bo mu migambwe ya ADC-IKIBIRI, nka RWASA Agathon arongoye FNL, Alexis SINDUHIJE arongoye MSD n’abandi. Ubwo bwicanyi bwaherekeje isambagurwa n’iburabuzwa ry’imigambwemu mugambi wateguwe na Petero NKURUNZIZA ugashirwamu ngiro n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard NDUWIMANA kandi ariwe yofashije imigambwe kugira yoroherwe mu bikorwa vyayo. INTWARI za FRD-ABANYAGIHUGU n’ingabo zazo, ziyemeje gutesha abo bicanyi bahagarikiwe n’ubutegetsi hamwe no kugarukana umwidegemvyo w’imigambwe mu bikorwa vyayo irekurirwa n’ibwirizwa nshingiro. Ziyemeje kandi guharanira uburenganzira n’umwidegemvyo vya buri wese nk’uko abirekurirwa n’ibwirizwa nshingiro nyene, mu kigabanecaryo ca kabiri, c’ivyerekeye amasezerano ngenderwako ajanye n’ivy’agateka ka zina muntu, ibijejwe umunyagihugu n’umuntu wese. Kirimwo kandi n’ingingo zitandukanye zikomoka ku masezerano mpuzamakungu Uburundi bwagiye buraterako umukono. Kubijanye n’ubusuma nabwo, abanyepolitike bo mu mugambwe uri ku butegetsi basenyera k’umugozi umwe n’abicanyi bamwe bamwe, barashinze udushirahamwe binyegezamwo mu gusahura Reta nka Burundi Car Services n’ayandi. Nico kimwe no mu kurekurirwa inyungu z’umurengera canke mu guhemberwa amahera ku bidandazwa bitigeze bitangwa. Ivyo bijanye n’amanyanga akorwa kw’itangwa ry’amasoko ya Reta. Imiriyaridi zababa cumi na zitanu (15.000.000.000Frs Bu) z’amafaranga y’amarundi zaratikiye zitirirwa amakaye ava i Bugande, twisunze inkuru zavuye mu ndongozi zimwe zimwe za CNDD-FDD bizwi ko zizi ibibera mu butegetsi. Hari n’ibijanye n’igurwa ry’ ibikoresho vyononekaye, nka dosiye y’amahera arenga imiriyaridi zitanu (5.000.000.000FrsBu) z’amafaranga 7 / 21 y’amarundi yatikiye yitirirwa kugura ibigwanisho, hamwe twokwisunga ivyashikirijwe n’ubugenduzi bukuru bwa Reta hamwe n’amashirahamwe yiyemeje kugwanya ibiturire no gusesagura amatungo yaReta. Kuri ibi vy’ubusuma, uwuryogoye inzego za Reta ziramuturubika, zikamutuza akomoka. Umushingamateka Manassé NZOBONIMPA niwe yobicako umugani. Kubijanye n’icukurwa ry’ubutare navyo, biturutse kur’ubwo busuma, birigwa bikongera bigashirwa mu ngiro ari uko habanje gushirwa imbere inyungu z’ako karwi kazingamitse igihugu n’abarundi. Bamwe bamwe mu barongoye intwaro n’inzego z’iperereza bari muri ako karwi canke bakorana nako, bama bakirimbira aho ubwo butare bucukurirwa; baranasahura abanyagihugu, bitwaza kuborohereza ngo bacukure batekaniwe. Amatongo y’igihugu yahindutse ivyibare vy’indongozi zimwe zimwe zo mu mugambwe uri ku butegetsi, aho usanga ziyasagata zikigurishiriza uko zishatse. Muri ayo matongo, hari ayakwa abanyagihugu uwuryogoye agacuranguzwa. Naho abo basuma bafise inguvu nyinshi bahabwa n’ivyo basahuye Reta n’abanyagihugu, INTWARI za FRD-ABANYAGIHUGU n’ingabo zabo biyemeje gutesha no gutuza abo basuma binyegeza mu butegetsi bw’umugambwe CNDD-FDD Petero NKURUNZIZA aturukamwo, kugira Uburundi bwiyambike umutamana mu makungu kubijanye n’intwaro nziza ariyo ntwaro ibereye INTWARI n’igihugu c’iteka. 3. Benshi baribaza nimba ubutegetsi bwo mu Burundi bwizigiwe n’abarundi n’amakungu? Kur’ivyo, umuhari FRD-ABANYAGIHUGU uhagaze hehe? Mu Burundi hari ubwicanyi butagira izina; uyu munsi, nta murundi n’umwe ayobewe y’uko bukorwa na bamwe mu nzego z’umutekano bakingiwe ikibaba na Reta bakorera. Ubutungane bwagizwe intare n’ubutegetsi mu kurenganya abatavuga rumwe na Reta. Imbere y’abo bicanyi n’abo basuma, usanga ubutungane bumeze nk’intare yahongotse amenyo. Ikurikiranwa ry’urubanza rw’iyicwa rya Ernest MANIRUMVA ni kamwe mu burorero buzwi. Mwibuke ko igipolisi karuhariwe mu matohoza ca Reta z’unze ubumwe za Amerrika FBI 8 / 21 catawe kuw’amazi kubijanye no kugira igikorwa coroshe cane kitomara n’iminota itanu kijanye no kwemererwa gupima ADN y’abo bicanyi bari ku mugongo wa Reta. Aho ibindi bihugu vyama bitwara imidari mu twigoro bikora mu nzira yo gusununura abanyagihugu bavyo, Uburundi bwo bwama bushirwa mu bibanza vyambere mu bihugu ataco bimariye abanyagihugu bavyo, aho usanga ibiturire arivyo vyiganje, ubusuma buranga ibihangange mu nzego za Reta nabwo bukaba bwarayiciye umurya; uburorero bumwe bumwe bwatanzwe muri runo rwandiko. Ubundi burorero bwinshi nabwo bukazogenda buratangwa bwongera busigurwa muvyo umuhari FRD-ABANYAGIHUGU uzokwama ushikiriza muri uru rugamba. Petero NKURUNZIZA n’akagwi kiwe bakomoka mu mugambwe CNDD-FDD nibo bama bubahuka kuvuga ko mu Burundi ibintu vyifashe neza mu kwirengagiza amabi akorerwa abanyagihugu bongera bagerageza guhisha umwotsi kandi inzu iriko irasha. Iyo mvugo yarayikoresheje mu gutekera mu vyatsi abarundi baba mu gihugu c’ubu Suisse igihe yabagendera. Ivyo yama yabishikirije no mu Burundi ata kumaramara naho hoho, intenderi yama yasheshe umuti imbere y’abarundi bose. Uburundi bwaramaze gucafura mu makungu. Mu gihugu hagati naho, nta murundi n’umwe w’ijunja aha nirwere ubwo butegetsi. Bamwe baridoga mu kinyegero, abandi bakidodomba badasohora ijwi kubera y’uko abavugiye hejuru bomorwa canke bagakurikiranwa n’ubutungane. Umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi wiyemeje gukorana n’abakunzi b’inda naba n’iryo warobanuye mu migambwe imwe imwe itavuga rumwe n’ubutegetsi no mumashirahamwe amwe amwe atagira aho yegamiye muvya politike mu gukora ivyo bise “nyakurisation”. Naho muri ayo mashirahamwe uwo mugambi utarakunda, birazwi ko bama bawugeze amajanja. Nta n’umwe rero akwiye gusubira kwibaza y’uko ubutegetsi bw’Uburundi bwizigiwe n’abarundi n’amakungu kuko, ayo makosa yonyene arahagije kuba inyishu y’ico kibazo. INTWARI za FRD-ABANYAGIHUGU nazo nyene niko zibibona. Umuti wobaye ibiganiro nk’uko abarundi benshi n’amakungu bagiye barabisaba. Naho mu gusiga inkore ku maso abarundi n’amakungu ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA bwari bwa vyemeye kw’igenekerezo rya 1 Mukakaro 2011 aho Uburundi bwibuka intahe yo kwikukira, bwaravyiyamirije kw’igenekerezo rya 9 / 21 26 Myandagaro 2011; aho hari mu gikorane cabereye mu KAYOGORO mu ntara ya MAKAMBA. Ni naho muvy’ukuri Petero NKURUNZIZA ahagaze. Umuhari FRD-ABANYAGIHUGU ntabiganiro uriko urasaba nk’uko abanyamigambwe bama babisavye kuko, kubwa Petero NKURUNZIZA, ivyo bisigura gusegerereza ivyicaro mu ntwaro yiwe. Ukwikingira no guhasha abicanyi n’abasuma bazingamitse igihugu, niyo nzira INTWARI za FRDABANYAGIHUGU zafashe kuko ayandi mayira yose yasenzwe. 4. Agateka ka zina muntu mu Burundi gahonyangwa ukuri kwamye. INTWARI za FRD- ABANYAGIHUGU zibivuga kw’iki canke zihagaze hehe? INTWARI za FRD-ABANYAGIHUGU co kimwe n’abarundi bose, kiretse Petero NKURUNZIZA ari kw’isonga ry’akarwi k’abicanyi kari mu butegetsi bwiwe, inkomamashi na ba bagabo n’iryo bacudika nako kumvo zitandukanye, barazi neza y’uko mu Burundi agateka ka zina muntu katubahirijwe kandi gahonyangwa ukuri kwamye, bimwe biteye ubwoba.Wanashaka muvyo guhonyanga agateka ka zina muntu, amashirahamwe mpuzamakungu ntasiba gusemerera yiyamiriza ako kaga. Abanyagihugu barenga mirongo itatu na batatu (33) bo mu ntara ya MUYINGA barafashwe batabwa mu ruzi RUVUBU (uruzi ruzwi ko amazi yarwo aruhukira mu Nyanja Méditerranée aciye mu ruzi Nil). Ubutungane ntibwahagurutse kugira bwubahirize agateka ka zina muntu; bwahagurutse kugira bugabanye gusa induru y’amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu nka HUMAN RIGHT WATCH na AMNISTIE INTERNATIONALE n’ayandi akorera mu Burundi nka APPRODH na Ligue ITEKA. Petero NKURUNZIZA we nyene ubwiwe akaba yaribaririye HUMAN RIGHT WATCH ko ukuba sindabibazwa, yabitumwe n’ukwanka ko abapolisi n’abasirikare bashamirana. Naho abarundi n’amakungu bihoreye, ntawutabonye y’uko ivyo yavuze kwari ukwikurayo. No kubanyagihugu biciwe muri komine KINAMA yo mu gisagara ca Bujumbura niko vyagenze. Iyicwa ry’abanywanyi b’imigambwe imwe imwe imbere y’amatora naryo nyene rirerekana ko mu Burundi, agateka ka zina muntu katubahirijwe. 10 / 21 Mu bihe vy’amatora y’umukuru w’igihugu n’abashingamateka, ubwo bwicanyi ntibwigeze buhagarara. Haciye hafatwa n’ingingo yo kuzivya abo bose biyamirije ivyavuye mu matora y’amakomine n’abinuvye ingene ayo matora yatunganijwe. Inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu yega umugambwe CNDD-FDD gusa Petero NKURUNZIZA aturukamwo, akagwi k’abicanyi bamukorera kaciye karushirizaho gusesa amaraso y’inzira karengane zo mu migambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi. Abashika amajana atatu (300), nka bose baturuka mu mugambwe FNL wa RWASA Agathon nibo bishwe. Abarenga amajana indwi (700) nabo bakaba baratawe mu mvuto mu mabohero atandukanye no mu busho bw’igipolisi nubw’iperereza. Ukurondera kuremeka inkono ishushe abanyepolitike bamwe bamwe nka Alexis SINDUHIJE, RWASA Agathon n’abandi, vyahitanye imitwe y’abantu mirongo itatu n’icenda (39) baguye mu GATUMBA, komine MUTIMBUZI mu ntara ya BUJUMBURA, vyongera bihitana imitwe ibiri (2) y’abanyeshure biga muri kaminuza y’Uburundi. Twibutse y’uko hariho n’ubwicanyi bw’abantu icenda (9) n’abandi batari bake bakomeretse bwabereye mu mirima y’ibikaju y’uwitwa NAHUM BARANKIRIZA. Ubwo bwicanyi nabwo nyene bwari bufise iyo ntumbero yo kurementaniriza abanyepolitike bamwe bamwe naho bwaroyemwo ibinyegezwa vyinshi bugaca buba akamizwe n’ingoma. Kuri ubwo bwicanyi nyene bwo mu RUKOKO, Gélase-Daniel NDABIRABE, ubu akaba ari umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD mu vyo yashikirije amaradiyo, yerekanye ko ari abatutsi bishe abahutu mu ntumbero yo kurementaniriza Alexis SINDUHIJE, kandi inzira karengane zahaguye zava mu bwoko bwose. Ni mwumve namwe iryo bara rikorwa n’ubutegetsi. Tukiri kubijanye n’ubwo bwicanyi bugaragaza ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu, ntawokwibagira wa mugambi “SAFISHA” wahitanye abatari bake muri abo amajana atatu (300) bavuzwe. Abavyeyi barahekuwe barabura uwo batura amarira yabo, amashiga y’ubutegetsi buhari ubu ariyo: Urwego rw’ubutunganeUrwego rushinga amategeko-Urwego nshingwantwaro; bose bakaba babaye ba sindabibazwa. None Uburundi bubaye ubwande? Abarundi bo babaye abande ko 11 / 21 benshi bariko baraturatuzwa kubera ihonyangwa ry’agateka kabo? Inyishu n’uko INTWARI zabiravye hasi hejuru zikabona ko, zisunze ivyiyumviro vy’umuhari wazo FRD-ABANYAGIHUGU, zahagurutse kugira zigwanire agateka ka buri wese, abarundi babashe kwunga urunani mu gushinga intwaro nziza, ibereye abakunda igihugu, gutyo Uburundi kibe igihugu giha iteka ba kavukire, abacatsemwo indaro n’abakigendera. 5. Mbega mu Burundi hariho Demokarasi? Kur’ubu butegetsi bwa CNDD-FDD buhari ubu, ico kibazo kirateye amadidane menshi. Biturutse ku marorerwa akorwa n’abari ku butegetsi, biboneka y’uko bano bakoresha ijambo Demokarasi mu gusiga inkore ku maso incuti n’abagenzi b’Uburundi. Ivyo bigaragazwa n’uturorero dukurikira: • Kubuza imigambwe gukora kiretse iyemeye kwunga urunani n’uwuri ku butegetsi biturutse ku gushacoba no ku nyungu za bamwe bamwe bayirongoye. Imigambwe idakorera kuvyipfuzo vy’uwuri ku butegetsi irasamburwa, igacibwamwo amashami, abayirongoye n’izindi mboneza zayo bakangazwa canke bakagirirwa amarementanya agamije kubapfunga canke kubazimanganiriza ubuzima. Kubangajwe, aha twovuga nka Leonard NYANGOMA arongoye CNDD, Alexis SNDUHIJE arongoye MSD, RWASA Agathon arongoye FNL n’abandi. Kubama bariko baratuzwa, aha twovuga nka Léonce NGENDAKUMANA arongoye umugambwe SAHWANYA-FRODEBU, Chauvineau MUGWENGEZO ahagarariye umugambwe UPD-ZIGAMIBANGA, n’izindi mboneza mu migambwe nka William MUNYEMBABAZI umunyamabanga mukuru wa CNDD, n’abandi bari mu murwi w’abangajwe, abatotejwe n’abapfunzwe tutiriwe turadondagura. Ako kajagari mu migambwe usanga gakorwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard NDUWIMANA, ibiro vy’iperereza, abacamanza n’abashikiriza manza bagenewe ico gikorwa mu ma sentare amwe amwe, kw’izina ry’ubutegetsi. • Kwaka ububasha abanyagihugu mu kubogoza abo bitoreye canke ababaserukira. Vyarashitse aho umugambwe uri ku butegetsi ukura ba 12 / 21 Musitanteri, ba Musitanteri nabo bagakura abarongoye imitumba, hamwe na hamwe naho ba Buramatari ugasanga barihaye ubwo bubasha. Uburorero bwa vuba akaba ari abakuru b’imitumba bakuwe i GIHANGA mu ntara ya Bubanza n’i GIHARO mu ntara ya RUTANA. Abashingamateka bakuwe, muri bo hakaba n’abaciye batabwa mu mvuto bakagumizwa mu munyororo atamvo zishemeye ariko ari ukubera ukutavuga rumwe muvya politike gusa. Navyo nyene tubiha insiguro yo guhahaza umunyagihugu kubijanye na Demokarasi. Twibuke ko muri abo bashingamateka nyene hariho abahatswe kwicwa batewe amabombe atezwa iminwe (grenades) bazira ivyiyumviro vyabo. Mu ntumbero yo kubuza umushingamateka canke umukenguzamateka guserukira neza abanyagihugu, ubutegetsi bwaracengetereje mw’itegeko rigenga amatora n’irigenga amakomine, ingingo zimwe zimwe zibuza umushingamateka, umukenguzamateka canke umujenama wakomine kuryogora, bompi bagategerezwa guhagararira gusa imigambwe baturukamwo. Izo ngingo zashinzwe zarazanye utunenge mu bikorwa umushingamateka, umukenguzamateka n’umujenama wa komine bajejwe. Uretse gufasha ubutegetsi kwiganza, izo ngingo ntizifasha abatwara kwumvirwa n’abarundi n’amakungu kubijanye n’agahahazo kagirirwa abatowe n’abanyagihugu. Ukurondera gutuza, kuburabuza, kwica no kubemeza ku nguvu abanyagihugu ivyavuye mu matora, navyo nyene bijana no guhonyanga Demokarasi. • Ingendo yo kuburabuza abantu mu buzi ngo n’uko batavuga rumwe n’ubutegetsi, bamwe bagakurwa abandi bakabima akazi kandi bose ari bene Burundi, batanga amatagisi n’amakori kumwe, niyo iranga ubutegetsi. Abatoza amatagisi n’amakori bayasokora ahanini mubo ubutegetsi bukumira, ivyo bigaha ico gikorwa insiguro y’ibihano kuko, inkundwakazi zitari nke zidatanga ayo makori canke zikayatanga nabi nabi. Ayo makori n’amatagisi vyiyongera ku mfashanyo Uburundi buhabwa n’amakungu, igice kinini cavyo kinyikira mu mifuko ya bamwe bamwe aribo usanga bubaka amazu na Reta itagira, biturutse k’ubusuma. Rya terambere ryovuye 13 / 21 ku munyagihugu rikamusubirako biturutse ku kwitanga kwiwe, usanga riva kubanyagihugu bamwe bamwe bitanga, hako ribasubirako rikayongera mu nda no mu mifuko vya bamwe bamwe. • Kubijanye n’amatora, ubutegetsi usanga butegekanya amanyanga menshi mu kuyategura, ku buryo mu banyagihugu horoherezwa bamwe (abavuga rumwe n’ubutegetsi) abandi bagategwa imitego (abatavuga rumwe n’ubutegetsi). Inyishu y’ivyo vyose n’uko umuhari FRD-ABANYAGIHUGU ubona ko mu Burundi Demokarasi igeze aho umwansi ashaka, bitewe n’ingendo mbi y’ubutegetsi. INTWARI zikaba zihagurukanye n’abanyagihugu bose kugira ziyisubize umutamana zongere ziyibungabunge. 6. Umuhari FRD-ABANYAGIHUGU urwanya ba nde, uhanganye na bande? Umuhari FRD-ABANYAGIHUGU uhanganye n’abasuma n’abicanyi bari mu butegetsi aribo nguvu za Reta ihari ubu itagira intumbero ya politike. Twibutse ko abo bicanyi n’abo basuma bishimikiza inguvu z’ubutegetsi mu kw’ica, bakoresheje bamwe bamwe bama badomweko urutoke bakorera inzego z’igipolisi n’iz’iperereza. Abo basuma n’abicanyi mu kwiyorohereza usanga barateguye ababakingira ikibaba n’ababorohereza mu nzego z’ubutunzi. Abo basuma bavanzemwo abicanyi, usanga n’inzego zijejwe ubutungane bazikoresha. Baranakoresha abanyamigambwe bamwe bamwe gusambura imigambwe yabo kugira icike inkokora zo kubadomako urutoke. Bama bagerageje akabi nk’ako mu mashirahamwe yigenga ataho yegamiye muvya politike, naho batarabishikako dufatiye ku karorero k’inama yabereye i Gitega, hagati y’ayo mashirahamwe nyene n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu. Umuhari FRD-ABANYAGIHUGU uhanganye n’abo ba rwankabiyago bose twadondaguye bazwiko ubwo busuma n’ubwicanyi, hamwe n’abo bose bakokeza, ba nda ndende na ba n’iryo babafashe mu mugongo. 14 / 21 7. Muri aka kajagari kari mu Burundi, imbere y’ubwicanyi bwabaye ndanse bukorwa n’abokingiye abanyagihugu, imbere y’ibiturire n’ubusuma vyazingamitse igihugu, ubuzima bw’abarundi dusanga bwazingamye bitewe n’ ako karanda. Ubu benshi baribaza bati: mbega agakiza kazova hehe? Abarundi ubu ntibabona icobakiza kuko utwigoro twinshi twarasenzwe. Benshi mu banyepolitike babaserukira bagerageje kuvuga biciye mu migambwe yabo baromowe. Abashoboye kurinda nabo barara ntibuca. Uwugize aravuga mu banyagihugu bamucisha kubuhombo iyo adatunzwe n’ayo yameze mu kuja kunyegera. Mu ndongozi z’amashirahamwe atagira aho yegamiye no mubamenyesha makuru abariye umutima amenyo bakadoma urutoke ku nkorabara zimwe zimwe bishimikije intumbero y’umwuga wabo, baca baturubikwa n’ubutungane mu kurengutswa agasakisaki mu ntumbero yo kubagabisha, kubapfunga canke kugera amajanja yo kubapfunga. Icipfuzo ca Reta n’uko amabi yose akozwe yoba akamizwe n’ingoma. Ibiganiro vyariyamirijwe n’ubutegetsi naho rimwe na rimwe Reta ihenda abarundi n’amakungu y’uko itanka ibiganiro ishaka kuvuga ibiganiro yogirirana n’incuti zayo. Abarundi bakeneye kwivuna umwansi yica yongera yiba, tukavuga ko ubu bafise icizere k’umuhari FRDABANYAGIHUGU wo uje kwunganira utundi twigoro twose twari tumaze gukorwa, Reta ikigira sindabibazwa. 8. Umuhari FRD-ABANYAGIHUGU wiyemeje gukorana na bande igihe washingwa? Ico abarundi n’amakungu bomenya, n’uko INTWARI mu barundi n’INGABO mu NTWARI ba FRD-ABANYAGIHUGU badakorana n’umugambwe n’umwe canke ishirahamwe iryo ariryo ryose rifise isano n’ivya politike canke niridakora ivya politike. Nta mugambwe n’umwe canke ishirahamwe iryo ariryo ryose bitegerezwa kuwiyitirira. Aha INTWARI za FRD-ABANYAGIHUGU ziragabishije abo bose bogira ivyo batoza canke bavuga ku nyungu zabo kw’izina ry’INGABO Z’ABANYAGIHUGU mu kwiyita incuti z’umuhari canke bene 15 / 21 umuhari batabirekuriwe n’inzego zirongoye umuhari, batanazwi mu muhari ariko bakiyita incuti zawo. Imigambwe irazi ibikorwa ijejwe, amashirahamwe yigenga niko kw’uko. INTWARI za FRD-ABANYAGIHUGU ziriyamirije imvugo zimwe zimwe z’indongozi zikomoka mu mugambwe uri ku butegetsi canke ivyitso vyawo, bama bariko barakokeza berekana y’uko umunyagihugu avuga canke afata umuheto aba abitumwe n’imigambwe runaka, uyu canke uriya mu banyepolitike badacana uwaka n’ubutegetsi, canke amashirahamwe yama ariko arasemerera kubijanye n’amabi akorerwa abanyagihugu. Turazi ko n’ubu abo bategetsi mu guta umutwe, hatabuze abo bazorementaniriza mu gukomeza ya nzira yo gusambura imigambwe yabo canke amashirahamwe yabo. Umuhari FRD-ABANYAGIHUGU ukorana n’uwo wese afise umutima n’ishaka vyo kurwanya akajagari muvya Demokarasi, kurwanya ubusuma n’ubwicanyi, akaba kandi yishimiye yongera yemanga umurongo umuhari wafashe mukuwugira rwiwe. Mu bikorwa vya FRD-ABANYAGIHUGU, nta n’umwe yemerewe kwishimikiza intumbero ya politike ikorerwa mu mugambwe uwariwo wose. Abarundi barazi ko imigambwe yabujijwe gukora mu gihugu. Abacinanata mu gukorera imigambwe yabo, nibabandanye arikontibitwaze umuhari FRDABANYAGIHUGU kuko wowo urazi ko ubutegetsi bwamaze gufuta ibikorwa vy’imigambwe. Kugira iyo migambwe izosubire gukora ukuri kwamye nk’uko ibwirizwa nshingiro ribitegekanya, navyo nyene n’urugamba FRDABANYAGIHUGU yiyemeje. Nta n’umwe ayobewe aho Reta ya Petero NKURUNZIZA ihagaze kubijanye n’ibikorwa vy’imigambwe itavuga rumwe nayo. Iyo migambwe ishobora kuronka agahengwe aruko yinjiye muri rwa runani rw’ihuriro ry’imigambwe bise “Forum des partis politiques” rurongowe n’IMBONERAKURE NZOPFABARUSHE Melchiade (nk’uko imwe imwe yabikoze), rukorera mu kwaha kw’umugambwe CNDD-FDD uramutswa igihugu. Iyo migambwe yama isaba ibiganiro, Reta ikavyita gusegerereza Ivyicaro. Nta biganiro INTWARI za FRD-ABANYAGIHUGU ziriko zirasaba abo bicanyi. Zaramaze gutahura y’uko batabikeneye. Kugira iyo migambwe ntiryogore, yama iriko iragirizwa ngo ifise abarwanyi kandi atari vyo, twisunze ivyo abayirongoye 16 / 21 bama bariko barashikiriza. Kuvyerekeye umuhari FRD-ABANYAGIHUGU wemanze imbere y’abarundi n’amakungu ko ufise abarwanyi bizogenda gute? Kuwubuza kuryogora nk’abo bandi, INTWARI za FRD-ABANYAGIHUGU zirabihakanye! Umuhari FRD-ABANYAGIHUGU urakebuye abo bose bawushigikiye n’umutima wabo wose kutajuragizwa na Reta mu kubitiranya n’abanywanyi ba ADC-IKIBIRI isanzwe ikoresha politike y’akarimi. Imigambwe ya ADC-IKIBIRI ifise inzira yayo, umuhari FRD-ABANYAGIHUGU ukagira iyayo. Muri FRDABANYAGIHUGU, nta muntu n’umwe akumiriwe azira umugambwe aje aturukamwo, ubwoko, igitsina, intara, idini n’ibindi. Ni nk’uko ata NTWARI n’imwe irekuriwe gukumira abandi basangiye urugamba ibahora umugambwe baje baturukamwo, ubwoko, igitsina, intara, idini n’ibindi. 9. FRD-ABANYAGIHUGU n’umuhari wa bande? N’uwuwo wese yiyemeje gushigikira ivyiyumviro vy’umuhari FRDABANYAGIHUGU mu kuvyunganira atanga intererano y’uburyo n’ivyiyumviro vyubaka, bishobora gufasha umurundi wese yemanga kwitangira igihugu kugira abashe gutesha abicanyi, abasuma n’abatera akajagari muvya Demokarasi. Umunywanyi wa FRD-ABANYAGIHUGU n’uwo nyene usanga akora yishimikiza amategeko ngenderwako y’umuhari ata buryarya. Uwo abigenjeje gutyo, niwe NTWARI mu banyagihugu kandi niwe nyene FRDABANYAGIHUGU. 10. Umuhari FRD-ABANYAGIHUGU ufise iyihe migambi ? Imigambi y’umuhari FRD-ABANYAGIHUGU ishingiye k’Ubutungane kuri bose, umugambi w’Amahoro kuri bose no kubijanye n’inagurwa rya Demokarasi mu Burundi. Ahari ubutungane nyabwo uhasanga amahoro na Demokarasi. Ahari amahoro, usanga harangwa ubutungane nyabwo na Demokarasi. Ahari Demokarasi idakumira usanga hari ubutungane nyabwo hakongera hakaba hari amahoro. Kubwa FRD-ABANYAGIHUGU, ivyo vyose n’umushinge w’iterambere 17 / 21 ridakumira. Imigambi ya FRD-ABANYAGIHUGU ivyagiye kur’ayo mashiga atatu : Ubutungane-Amahoro-Demokarasi. Ido n’ido kubijanye n’iyo migambi muzobisanga k’umuhora w’amakuru ngurukanabumenyi ariwo « site internet » : « www.burundi-itsitso.info ». Kuwushaka gutahuza, azotwandikire kuri : « [email protected] » no kuri facebook « ingaboabanyagihugu ». Mu gusozera, INTWARI zihurikiye mu muhari FRD-ABANYAGIHUGU zisaba abarundi n’amakungu ibi bikurikira : 1. Uwo wese, yaba umurundi canke umunyamahanga, eka ndetse n’uwoba ari mu butegetsi, asabwe kutarementaniriza INTWARI za FRDABANYAGIHUGU n’ingabo zabo, mu kuzitirira iyindi ntumbero ya politike atari iyo twashikirije muri runo rwandiko. Asabwe kandi kutazokwigera yitirira INTWARI za FRD-ABANYAGIHUGU n’ingabo zabo ibikorwa batakoze kuko umuhari wemanga kandi uzokwemanga ibikorwa vyose uzoba wakoze ukazokwama ubicisha k’umuhora wa INTERNET « www.burundi-itsitso.info » no kuri FACEBOOK « ingaboabanyagihugu » canke ku bindi binyamakuru, vyaba ivy’umuhari bishobora kuvuka, canke ibindi bishobora gushikiriza amakuru vyohabwa n’abaserukira umuhari FRDABANYAGIHUGU bazwi . 2. INTWARI za FRD-ABANYAGIHUGU zisavye abarundi bose n’incuti z’abo zose guhagurukira ubusuma n’ubwicanyi vyimonogoje mu gihugu mu gushigikira inzira iyo ariyo yose yotuma ako karanda karanduranwa n’imizi harimwo n’iyi umuhari FRD-ABANYAGIHUGU wafashe. 3. Umuhari FRD-ABANYAGIHUGU usaba ivyabona vyose vy’ubwicanyi buriko buraba mu Burundi muri kino gihe, baba abari muvya politike canke abataho begamiye, baba abanyamadini, gushengeza abicanyi bose bo mu butegetsi bwa Petero NKURUNZIZA na Reta arongoye mu makungu no muma sentare mpanavyaha, mu karere n’ahandi kubera y’uko ibimenyetso vyose vyarerekana ko amasentare yo mu gihugu ata nguvu afise ; kuri ivyo, imanza zijanye n’urupfu rwa Ernest MANIRUMVA, ubwicanyi bwo mu GATUMBA n’izindi…, muri FRD18 / 21 ABANYAGIHUGU birazwi ko ata ntambwe zizotera. Iruhande yo gushengeza Reta, hokorwa akigoro k’amakungu mu gufasha abarundi kugira amatohoza y’inzira karengane zirenga amajana atatu(300) zagiye ziratorwa ibiziga hirwa no hino mu nzuzi, ku mitumba no mu kiyaga Tanganyika. 4. Umurundi wese arafise uburenganzira bwo kuja aho ashaka mu gihugu, bwo guserura ivyiyumviro vyiwe, bwo gukora politike nk’uko abirekurirwa n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi. Kubera ivyo, inzego z’umutekano zikoreshwa n’ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA kuburabuza abanyagihugu zihonyanga agateka kabo, zongera zigwanya abahagurukiye gutuza ubusuma n’ubwicanyi mu gihugu, zisabwe gutahura ko urugamba zirimwo atari urwazo, ntiziriko zigwanira igihugu ahubwo, ziriko zirwanira abasuma, abicanyi n’umuryango wa Petero NKURUNZIZA. 5. Umuhari FRD-ABANYAGIHUGU usavye abarundi n’amakungu guhagurukira ikibazo ca Demokarasi igeze ahatemba mu Burundi, kugira imigambwe isubire gukora ukuri kwamye, akajagari gaterwa n’ubutegetsi mu migambwe gahagarare. Kugira kandi, ingendo yo kuvuguruza abanyagihugu mu gutuza ababaserukira, haba mu migambwe canke amashirahamwe, kubabogoza, kubangaza canke kubata mu mvuto bahorwa kutavuga rumwe n’abo mu nzego nshingwantwaro, bihagarare. Ivyo guhorwa kwiyamiriza abavuga ko batsinze amatora, navyo nyene bihagarare kuko, muri Demokarasi, umwe wese arafise uburenganzira bwo guserura ivyiyumviro kuri ivyo vyose abonamwo amahinyu, n’ibimuteye amakenga cane cane iyo abikoze yumviriza abandi yongera yemera ko abagabo boja hagati bikenewe, kugira bashire ahabona ukuri canke babahuze. 6. Umuhari FRD-ABANYAGIHUGU usavye abarundi bose kurengera ingorane z’inzara n’ubukene basutswemwo n’ubutegetsi, mu kwitandukanya n’abo basuma n’abicanyi naho boba basangiye umugambwe. 19 / 21 7. Umuhari FRD-ABANYAGIHUGU usavye ibihugu bibanyi (Tanzaniya, Urwanda na Congo), ibihugu vy’akarere k’ibiyaga binini, igihugu ca Afrika y’epfo n’ibindi vyose, co kimwe n’amashirahamwe mpuzamakungu vyafashije kugira haterwe ibikumu ku masezerano ya Arusha n’ayandi yo guhagarika intambara, gusubira guhaguruka kugira ngo ayo masezerano atandukanye agarukirwe vuba kuko ariyo soko ry’ibwirizwa nshingiro ; Iryo naryo rikaba ririko rirahonyangwa n’ubutegetsi buhari, kandi ari navyo bisubije igihugu mw’ihumbi. Uwo muhari usavye kandi ivyo bihugu kutazokwigera birwa mu mitego y’ubwo butegetsi, bwo bwirengagiza amabi bukora bukama bushaka kuyegeka ku banyepolitike bamwe bamwe, ku migambwe imwe imwe n’ubu bikaba bizwi ko butazohengeshanya kurementaniriza umuhari FRD-ABANYAGIHUGU uhejeje kuja ahabona. 8. Umuhari FRD-ABANYAGIHUGU usavye abarundi n’amakungu kutazowuhora umugambwe n’umwe nk’uko vyari bihitiye, aho ubutegetsi bwashatse kugira ingwano n’imigambwe n’abanyepolitike bamwe bamwe bubesha ngo buyihora abarwanyi, mu guhisha ingeso yo kuzimanganya Demokarasi. 9. Umuhari FRD-ABANYAGIHUGU usavye abarundi bose, baba abari mu gihugu no hanze y’igihugu, baba abapfunzwe canke abangajwe, kuwunganira kugira ngo ubwicanyi n’ubusuma bisezererwe mu gihugu, aboba bafise imigambi irashe nk’iyo nabo, ukaba ubemereye kuzobunganira bawuteye akamo, mu gushira inguvu hamwe. 10.Umuhari FRD-ABANYAGIHUGU urangije umenyesha inama mpuzamakungu ONU, ishirahamwe ry’ibihugu vya buraya ariryo UNION EUROPEENNE, ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ariryo UNION AFRICAINE, ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu buseruko bwa Afrika ariryo EAST AFRICAN COMMUNITY, igihugu ca Afrika y’epfo n’ibindi bihugu vyo mu karere, amashirahamwe mpuzamakungu ajejwe ivy’agateka ka zina muntu ariyo HUMAN RIGHT WATCH na AMNISTY INTERNATIONAL, hamwe n’ayakorera mu gihugu hagati, ko ata kindi catumye abarundi bafata ibirwanisho kw’izina ry’uyo muhari atar’uko 20 / 21 buri wese mu bubahutse kuba abanywanyi (INTWARI za FRDABANYAGIHUGU) abona ko umutekano wiwe n’uwo abandi bavukagihugu ubangamiwe ata gitabara, biturutse kuri ubwo bwicanyi ku ruhande rumwe, n’isahurwa ry’ubutunzi bw’igihugu vyatumye abarundi batubika umukanda k’urundi ruhande. Ido n’ido kuvyo umuhari FRD- ABANYAGIHUGU usaba uzokwama ubibashikiriza ubicishije kubabaserukira bari mu Burundi no mpande zose z’isi. MURAKOZE ! Bigiriwe muri komine GISURU kw’igenekerezo rya 22 Munyonyo 2011 Kubwa komite nyobozi y’umuhari FRD-ABANYAGIHUGU Umukuru w’ibiro bikuru Vy’INGABO Z’ABANYAGIHUGU KABIRIGI Pierre Claver Colonel 21 / 21